Abavukana Batsimbataje Udutima Dutandukanye
INGINGO abavyeyi bafata nta nkeka ziragira ico zikoze ku bana babo. Ivyo ni kwo biri muri iki gihe nk’uko vyari biri mw’itongo ry’i Edeni. Ingendo y’ubugarariji ya Adamu na Eva yaragize ico ikoze gikomeye ku muryango wose w’abantu. (Itanguriro 2:15, 16; 3:1-6; Abaroma 5:12) Yamara, umwe wese muri twebwe arafise akaryo ko gutsimbataza ubucuti bwiza n’Umuremyi wacu nimba umuntu ari vyo ahisemwo. Ivyo birerekanwa n’inkuru yerekeye Kayini na Abeli, abantu ba mbere babaye abavukana.
Nta hantu na hamwe mu Vyanditswe hoba havuga yuko Imana yavugishije Adamu na Eva inyuma yo kwirukanwa muri Edeni. Mugabo, Yehova ntiyaretse kuvugisha abahungu babo. Nta nkeka ko Kayini na Abeli bamenyeshejwe n’abavyeyi babo ivyari vyarabaye. Barashobora kubona “Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubu[zima].” (Itanguriro 3:24) Abo bagabo bariboneye kandi ko amajambo Imana yavuze, yuko akuya be n’umubabaro ari vyo vyoranze ubuzima, ari ay’ukuri.—Itanguriro 3:16, 19.
Kayini na Abeli bategerezwa kuba bari bazi amajambo Yehova yabwiye ya nzoka, agira ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uru[buto] rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Itanguriro 3:15) Ivyo Kayini na Abeli bari bazi ku vyerekeye Yehova vyobashoboje kugiranira na we ubucuti yemera.
Kuzirikana ku buhanuzi bwa Yehova be no kuri kamere ziwe z’ukuba umutanzi munyarukundo, bitegerezwa kuba vyatumye Kayini na Abeli bagira icipfuzo co kwemerwa n’Imana. Mugabo botsimbataje ico cipfuzo gushika ku rugero rungana iki? Boba bokwumviye icipfuzo mvukanwa cabo co gusenga Imana no gutsimbataza kamere yabo y’ivy’impwemu gushika naho bagaragaza ko bayizera?—Matayo 5:3.
Abavukana Bazana Amashikanwa
Haciye igihe, Kayini na Abeli barazaniye amashikanwa Imana. Kayini yashikanye ku vyeze mu ndimiro, Abeli na we ashikana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe. (Itanguriro 4:3, 4) Abo bantu ico gihe bashobora kuba bari bamaze nk’imyaka 100, kubera Adamu yari afise imyaka 130 igihe yavyara Seti, umuhungu wiwe.—Itanguriro 4:25; 5:3.
Amashikanwa yabo yerekana yuko Kayini na Abeli bemera icese ko ari abacumuzi kandi ko bipfuza gutoneshwa n’Imana. Bategerezwa kuba n’imiburiburi barazirikanye ku bijanye n’umuhango wa Yehova werekeye inzoka be n’Urubuto rw’umugore. Nta havuga umwanya Kayini na Abeli bamaze be n’akigoro bagize mu gutsimbataza ubucuti bwemewe na Yehova. Mugabo uburyo Imana yakiriye amashikanwa yabo biraduhishurira ivyiyumviro umwe wese yari afise muri we.
Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko Eva yabona Kayini ko ari we rwa ‘rubuto’ rwofyonyoye ya nzoka, kubera igihe Kayini yavuka yavuze ati: “Ndonse umuhungu kubg’Uhoraho.” (Itanguriro 4:1) Niba Kayini na we yaravyemeye, yoba yarihenze rwose. Ku rundi ruhande, ikimazi Abeli yatanze carimwo ukwizera. Kubera ico, “ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini.”—Abaheburayo 11:4.
Ukuba Abeli yarabona kure mu vy’impwemu Kayini na we akaba atagira ukwo kubona kure, si co conyene cabatandukanya. Bari bafise kandi udutima dutandukanye. Ni co gituma “Uhoraho yākirir[iye] Abeli ishikanwa ryiwe, ariko ntiyākirira Kayini ishikanwa ryiwe.” Bisa n’uko Kayini yazirikanye buhoro ivy’ishikanwa ryiwe maze aja kuritanga nk’uguheza umwuga gusa. Mugabo Imana ntiyemeye ukwo gusenga kwo guheza umwuga gusa. Kayini yari yaratsimbataje umutima mubi, kandi Yehova yaratahuye yuko ivyo yakora yabikorana icipfuzo kitari ciza. Igihe Imana yanka kwakira ikimazi ca Kayini, uburyo yavyakiriye vyaragaragaje agatima nyakuri yari afise. Aho kurondera gutunganya ibintu, “Kayini [yaciye a]raka cane, mu maso hiwe harijirwa.” (Itanguriro 4:5) Uburyo yavyakiriye vyarahishuye ivyiyumviro bibi be n’imigabo mibi vyari muri we.
Imburizi be n’Uburyo Yakirwa
Kubera Imana yari izi agatima ka Kayini, yamuhanuye ivuga iti: “N’iki kikurakije, kandi n’iki gitumye wijiriwe mu maso? Ni wakora neza ntuzokwemerwa? ariko n’utākora neza, icaha kibunze ku rugi: kandi ni wewe cifuza, arik’ukwiye kukinesha.”—Itanguriro 4:6, 7.
Hariho icigwa dukura muri ivyo. Kukaba nkako, icaha kibunze ku rugi citeguriye kuturotsa. Yamara, Imana yaraduhaye umwidegemvyo wo guhitamwo, kandi turashobora guhitamwo gukora ivyiza. Yehova yasavye Kayini ‘gukora neza,’ mugabo ntiyamuhase ngo ahindure ingendo. Kayini ubwiwe yarihitiyemwo.
Iyo nkuru yahumetswe irabandanya iti: “Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.” (Itanguriro 4:8) Gutyo Kayini acika umwicanyi w’umugambarazi kandi atagira ikinya. Ntiyanerekanye ko yicuza na gatoyi igihe Yehova yamubaza ati: “Abeli murumunawe ari hehe?” Ahubwo Kayini yishuye ata mpuhwe n’urupfasoni ati: “Ndabizi? Nar’umwungere wa murumunanje?” (Itanguriro 4:9) Ico kinyoma cambaye ubusa be n’ukwo kuvyikurako vyarashize ahabona ugukomantara kw’umutima wa Kayini.
Yehova yaravumye Kayini yongera aramwirukana mu micungararo y’i Edeni. Umuvumo wari umaze kuvumwa isi biboneka ko worushirije gukomera kuri Kayini, bigatuma isi ayirimye itimbuka. Yategerezwa kuba ikiyererezi be n’impunzi mw’isi. Igihe Kayini yidodomba y’uko aciriwe igihano gikomeye, vyaraseruye ukuntu ahagaritse umutima yuko yohowe ko yishe mwenewabo, mugabo ntiyagaragaje ukwigaya kuvuye ku mutima. Yehova yarashize “ikimenyetso” kuri Kayini, kumbure rigashobora kuba ryari itegeko ntabanduka rizwi n’abandi kandi baryubahiriza, rifise intego yo kubuza ko yicwa ku bashaka kwihora.—Itanguriro 4:10-15.
Kayini yaciye “ava imbere y’Uhoraho, aba mu gihugu c’i Nodi, ku ruhande rwa Edeni ahahera i burasirazuba.” (Itanguriro 4:16) Amaze kwabira umugore amukuye muri bashikiwe canke muri bishwawe, yarubatse igisagara acitirira Henoki, umuhungu wiwe w’imfura. Lameki, uwukomoka kuri Kayini yarabaye umuntu w’inkazi nka sekuru wiwe atibanga Imana. Mugabo umuryango wamuka kuri Kayini warazimanganijwe mu gihe c’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa.—Itanguriro 4:17-24.
Ivyigwa Tuhakura
Turashobora gukura icigwa ku nkuru za Kayini na Abeli. Intumwa Yohani ahimiriza Abakirisu gukundana, “nti[ba]se na Kayini, yar’uwa wa mubi, akica murumuna we. . . . Ibikorwa vy[a Kayini] vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.” Yohani avuga kandi ati: “Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubu[zima] budashira ngo bugume muri we.” Emwe, uburyo dufata Abakirisu nka twe biragira ico bikoze ku bucuti dufitaniye n’Imana be n’ivyizigiro dufise vy’ubuzima. Ntidushobora kwanka n’umwe mu bo dusangiye ukwemera ngo duheze twemerwe n’Imana.—1 Yohana 3:11-15; 4:20.
Kayini na Abeli bategerezwa kuba bari barezwe kumwe, mugabo Kayini yarabuze ukwizera Imana. Kukaba nkako, yagaragaje agatima ka Shetani, wa ‘mwicanyi akaba na se w’ibinyoma’ wo mu ntango. (Yohana 8:44) Ingendo ya Kayini irerekana yuko twese dufise ihitamwo, yuko abahitamwo gucumura bitandukanya n’Imana, kandi ko Yehova akubita intahe mu gahanga abatigaya.
Ku rundi ruhande, Abeli yaragaragaje ukwizera Yehova. Nkako, “ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe kw ari meza.” Naho ata jambo na rimwe ryavuzwe na Abeli riri mu Vyanditswe, biciye ku kwizera kwiwe kw’akarorero, ‘aracavuga.’—Abaheburayo 11:4.
Abeli ni we yabaye uwa mbere mu rutonde runini rw’abagumye batadohoka. Amaraso yiwe, ‘ayatakambiriye Uhoraho kw’isi,’ ntiyibagiwe. (Itanguriro 4:10; Luka 11:48-51) Mu gihe twogaragaza ukwizera nk’uko Abeli yakugaragaje, natwe turashobora kugiranira na Yehova ubucuti bw’agaciro kandi buramba.
[Uruzitiro ku rup. 20]
UMURIMYI N’UMWUNGERE
Kurima be no kubungabunga ibikoko vyari bimwe mu mabanga Imana yari yarahaye Adamu mu ntango. (Itanguriro 1:28; 2:15; 3:23) Umuhungu wiwe Kayini yagiye mu vyo kurima, Abeli na we acika umwungere. (Itanguriro 4:2) Ariko none, ko gushika inyuma y’Umwuzure imfungurwa abantu bafungura vyari ivyamwa be n’imboga, kuki yoroye intama?—Itanguriro 1:29; 9:3, 4.
Kugira ngo intama zikure, zikeneye umuntu azitwararika. Igikorwa Abeli yakora kiremeza yuko umuntu yoroye ivyo bitungwa kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu. Ivyanditswe ntibivuga nimba abantu bo mu ntangotango barihereza amata y’ibitungwa, mugabo n’abadafungura inyama barashobora gukoresha ubwoya bw’intama. Kandi igihe intama zipfuye, insato zazo zirakoreshwa ibintu vy’ingirakamaro. Nk’akarorero, kugira ngo Yehova yambike Adamu na Eva, yabaronkeye “imyambaro y’insāto.”—Itanguriro 3:21.
Uko biri kwose, bisa n’ivyumvikana tuvuze yuko Kayini na Abeli mu ntango basenyera ku mugozi umwe. Bararondera ico abandi bo mu muryango bakenera kugira ngo bagume baronka ivyo bambara n’ivyo bafungura vyiza.
[Ifoto ku rup. 21]
“Ibikorwa vy[a Kayini] vyari bibi, ariko ivya murumuna we bikaba vyiza”