ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 4 rup. 16-rup. 17 ing. 2
  • Yarishe mwenewabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yarishe mwenewabo
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Abavukana Batsimbataje Udutima Dutandukanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Kayini yakuye hehe umugore?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 4 rup. 16-rup. 17 ing. 2
Kayini arashavura abonye Abeli ariko araha ishikanwa Yehova

ICIGWA CA 4

Yarishe mwenewabo

Adamu na Eva bamaze kuva muri Edeni, baravyaye abana benshi. Umwana wabo wa mbere yitwa Kayini. Yari umurimyi. Uwa kabiri na we yitwa Abeli, akaba yari umwungere.

Umusi umwe, Kayini na Abeli barahaye Yehova amashikanwa. Urazi ishikanwa ico ari co? Ni ikintu uha Yehova ubikuye ku mutima. Yehova yarashimye ishikanwa rya Abeli, ariko ntiyashimye irya Kayini. Kayini yaciye ashavura cane. Yehova yaramubwiye ko ishavu ryiwe ryari gutuma akora ikintu kibi. Mugabo Kayini ntiyamwumviye.

Ahubwo Kayini yaciye abwira Abeli ati: ‘Ingo tujane mu murima.’ Igihe bari bonyene mu murima, Kayini yaciye akubita mwenewabo aramwica. None Yehova yaciye akora iki? Yarahanye Kayini mu kumurungika kure y’umuryango wabo. Kayini ntiyosubiye kugaruka.

Kayini ariko aregera Abeli bari mu murima

Ni icigwa ikihe tuhigira? Turashobora gushavura igihe ibintu bitagenze uko twashaka. Tubonye ko ishavu riguma ryongerekana, canke abandi bakaduhanura, turakwiye guca tureka iryo shavu kugira ntiritume dukora amakosa.

Kubera yuko Abeli yakunda Yehova kandi agakora ivyiza, Yehova ntazomwibagira. Azomuzura igihe isi izoba yabaye iparadizo.

«Nubanze usubize hamwe na mwenewanyu hanyuma ugaruke, ubone gutanga ishikanwa ryawe.»​—Matayo 5:24

Ibibazo: Abana Adamu na Eva batanguye kuvyara bari bande? Kubera iki Kayini yishe mwenewabo?

Itanguriro 4:1-12; Abaheburayo 11:4; 1 Yohani 3:11, 12

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika