ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 127
  • Kayini yakuye hehe umugore?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kayini yakuye hehe umugore?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Kayini yakuye hehe umugore?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Abavukana Batsimbataje Udutima Dutandukanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yarishe mwenewabo
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 127
Kayini n’umugore wiwe

Kayini yakuye hehe umugore?

Inyishu Bibiliya itanga

Kayini, imfura ya Adamu na Eva, yatwaye umwe muri bashikiwe canke iyindi ncuti ya hafi. Turashobora gushika kuri ico ciyumviro turimbuye ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye Kayini n’umuryango wiwe.

Ukuri ku vyerekeye Kayini n’umuryango wiwe

  • Abantu bose bakomotse kuri Adamu na Eva. Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe [Adamu], ngo babe ku buringanire bwose bw’isi.” (Ivyakozwe 17:26) Eva umugore wa Adamu yabaye “nyina w’abazima bose.” (Itanguriro 3:​20) Rero, Kayini ashobora kuba yatwaye umwe mu bakomotse ku bavyeyi biwe Adamu na Eva.

  • Kayini na mwene wabo Abeli ni bo ba mbere mu bana benshi Eva yavyaye. (Itanguriro 4:​1, 2) Igihe Kayini yirukanwa kubera yishe mwenewabo, yidoze avuga ati: “Nta nkeka uwuzombona wese azonyica.” (Itanguriro 4:​14) None Kayini yatinya bande? Bibiliya ivuga ko Adamu ‘yavyaye abahungu n’abakobwa.’ (Itanguriro 5:4) Birumvikana ko abo bandi bantu bakomotse kuri Adamu na Eva ari bo Kayini yatinya.

  • Mu ntango y’ubuzima bw’abantu, kurongora uwo mu ncuti vyari bimenyerewe. Nk’akarorero, wa mugabo w’umwizigirwa Aburahamu yatwaye mushikiwe, umukobwa wa se wiwe. (Itanguriro 20:12) Mwene iyo mibano yatanguye kubuzwa muri rya tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa, iryanditswe haciye imyaka amajana Kayini abayeho. (Abalewi 18:​9, 12, 13) Mu gihe ca kera, biboneka ko abana bavuka ku bubakanye bava mu miryango ya hafi batavukana ingorane nyinshi nk’iz’abavuka kuri mwene iyo miryango muri iki gihe.

  • Bibiliya irerekana ko inkuru ivuga ivyerekeye Adamu na Eva n’umuryango wabo ari iy’ukuri. Inkuru zigana ido n’ido uko imiryango yagiye irakurikirana uhereye kuri Adamu ntizivugwa gusa mu gitabu c’Itanguriro canditswe na Musa, ziravugwa no mu bindi bitabu bivuga ivyabaye, nk’igitabu ca Ezira n’ica Luka. (Itanguriro 5:​3-5; 1 Ngoma 1:​1-4; Luka 3:​38) Abanditsi ba Bibiliya baravuga inkuru ya Kayini, ivyo bikaba vyerekana ko yabayeho koko.​—Abaheburayo 11:4; 1 Yohani 3:​12; Yuda 11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika