Ibibazo vy’Abasomyi
Abeli yoba yari azi ko ikimazi c’igitungwa cari gikenewe kugira ngo umuntu atoneshwe n’Imana?
Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivya Kayini na Abeli batanga amashikanwa ni ngufi cane. Mw’Itanguriro 4:3-5, dusoma duti: “Igihe kiragera, Kayini azana ishikanwa ku vyeze mu ndimiro, ngw abishikanire Uhoraho. Abeli na we azana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo. Uhoraho yākīrira Abeli ishikanwa ryiwe, ariko ntiyākīrira Kayini ishikanwa ryiwe.”
Nta na hamwe muri Bibiliya havuga yuko imbere y’ico kintu Yehova yoba yari yaratanze amakuru ayo ari yo yose arashe ku vyerekeye ibimazi canke ku vyerekeye ubwoko bw’ibimazi yokwemeye. Ku bw’ivyo, Kayini na Abeli bigaragara ko batanga amashikanwa yabo kubera gusa bavyihitiyemwo. Bari barabujijwe kwinjira mw’Iparadizo yo mu ntango abavyeyi babo babamwo; baratanguye kwiyumvamwo ingaruka z’icaha; kandi bari baratandukanijwe n’Imana. Kubera ko bari mu mero y’icaha kandi iteye akagongwe, bategerezwa kuba bariyumvisemwo bimwe bikomeye yuko bikenewe ko bahindukirira Imana kugira ibafashe. Gushikanira ingabirano Imana gishobora kuba cari ikintu bakoze bavyishakiye kugira batoneshwe n’Imana.
Ico vyavuyemwo ni uko ishikanwa rya Abeli ryemewe n’Imana, ariko irya Kayini ntiryemerwa. Kubera iki? Kwoba kwari uko Abeli yashikanye ibintu vyiza maze Kayini ntabe ari vyo ashikana? Ntidushobora kumenya neza yuko iryo shikanwa ritari rifitaniye isano n’ibintu kanaka kubera yuko ata n’umwe muri bo yari yarabwiwe ivyari vyemewe n’ibitari vyemewe. Ariko rero, bishoboka ko ubwo bwoko bwose bwari bwemewe. Mu Vyagezwe Yehova yahaye ihanga rya Isirayeli mu nyuma, ibimazi vyemerwa ntivyarimwo gusa ibitungwa canke ibihimba vy’ibitungwa, ariko kandi vyarimwo impeke zikaranze, imikama ya sayiri, ifu igogoretse, imfungurwa zitetswe, be na vino. (Abalewi 6:19-23; 7:11-13; 23:10-13) Biragaragara ko bitari ibintu gusa bigize ibimazi vya Kayini na Abeli vyatumye Imana yemera ivy’umwe maze ikanka ivy’uwundi.—Gereranya na Yesaya 1:11; Amosi 5:22.
Hashize ibinjana, intumwa Paulo yavuze ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza.” (Abaheburayo 11:4) Gutyo, ukwizera ni kwo kwatumye Imana yemera icese ko Abeli ari umugororotsi. Ariko ni ukwizera ibiki? Ukwizera umuhango wa Yehova w’uko yotanze Urubuto ‘rwokomerekeje umutwe w’inzoka’ maze rukagarukana amahoro n’ukutagira agasembwa abantu bari bafise mu ntango. Bivuye kuri iyo mvugo y’uko Urubuto ‘rwokomerekejwe ku gitsintsiri,’ Abeli ashobora kuba yazirikanye yuko ikimazi kirimwo ugusesa amaraso ari co cari gikenewe. (Itanguriro 3:15) Ariko rero, ikizwi coco ni uko ukwizera Abeli yaseruye ari kwo kwatumye “aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini.”
Ku bw’iyo mvo nyene, Kayini ntiyatewe akagere kubera ko yashikanye ikimazi kimeze nabi, ariko yatewe akagere kubera ko yabuze ukwizera, nk’uko vyerekanywe n’ibikorwa vyiwe. Yehova yari yabwiye Kayini mu buryo butomoye ati: “Ni wakora neza ntuzokwemerwa?” (Itanguriro 4:7) Imana ntiyateye akagere Kayini kubera itahimbarwa na gato n’amashikanwa yiwe. Ahubwo, kwari “ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi,” vyarangwa n’ishari, urwanko, maze impera n’imperuka birangwa n’ubwicanyi, ari na vyo vyatumye Imana itera akagere Kayini.—1 Yohana 3:12.