ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/03 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 11 Myandagaro
  • Indwi itangura ku wa 18 Myandagaro
  • Indwi itangura ku wa 25 Myandagaro
  • Indwi itangura ku wa 1 Nyakanga
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 8/03 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 11 Myandagaro

Ururirimbo rwa 18 (162)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Mukakaro. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyose bikwiye gutangirwa icarimwe, naho kimwe conyene ari co umwamamaji yerekana. Muri umwe muri iyo myerekano, nimwerekane ukuntu umuntu yovyifatamwo igihe bamubwiye amajambo yohava ahagarika ikiyago agira ati: “Nta mwanya mfise”.—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rwa 11.

Imin. 15: “Twigane ukumera neza kwa Yehova”.a Nusabe abumviriza bigane muri make ivyabonywe vyerekana ukuntu ibikorwa biranga umutima mwiza vyaciye inzira yo gushinga intahe. Nukeze ishengero ku twigoro ryagize two gufasha abo basangiye ukwemera.

Imin. 20: “Imihezagiro iva ku busuku bw’ubutsimvyi”.b Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nusabe umutsimvyi umwe canke babiri bagire ico bavuze ku mihezagiro baronkeye mu butsimvyi. Nucishemwo yuko umuntu wese ashimishwa no gukora ubutsimvyi ashobora kwironsa ifomu yo gusaba ubutsimvyi ku munyamabanga.

Ururirimbo rwa 22 (130) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 18 Myandagaro

Ururirimbo rwa 10 (82)

Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimuganire kuri “Porogarama nshasha y’umusi w’iteraniro ridasanzwe”. Numenyeshe itariki iteraniro ridasanzwe rizoberako kandi uhimirize bose kuzoryitaba. Nimba iryo teraniro rizoba mu mezi yimirije, nucishemwo yuko abipfuza kubatizwa bakwiye kubimenyesha umucungezi muhagarikizi.

Imin. 15: “Igikorwa kimara akanyota”.c Nutunganye imbere y’igihe ivy’uko hagira abantu babiri canke batatu bagira ico bavuze ku kuntu ubusuku bwa gikirisu bwabamaze akanyota.

Imin. 18: “Tugume dufata neza aho dusengera”.d (Ingingo ya 1-5) Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Igihe muganira ku ngingo ya 3 n’iya 4, nimwihweze intunganyo mwagize aho iwanyu yerekeye gusukura Ingoro y’Ubwami. Niwerekeze ivyiyumviro ku bintu bikwiye kwitwararikwa. Nukeze abagize ishengero ku twigoro bagira kugira ngo babungabunge ikibanza kibereye ugusenga kw’ukuri.

Ururirimbo rwa 20 (93) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 25 Myandagaro

Ururirimbo rwa 3 (32)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano ibiri y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Myandagaro. Muri umwumwe wose ivyo binyamakuru bitegerezwa gutangirwa icarimwe, naho kimwe conyene ari co cerekanwa. Niherekanwe umuvyeyi n’umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe w’umuyabaga bariko bagira umwimenyerezo wo kwitegurira igikorwa co gushikiriza ibinyamakuru. Barihweza muri make ivyo baza kuvuga, maze bakagira umwerekano w’ukuntu baza kubigenza.

Imin. 15: “Gukukuruka woba ari umuryango ujana ku gikorwa ciyongereye?”e Nimba bishoboka, nushiremwo ikiganiro kigufi co kubaza ibibazo umwamamaji yakoresheje ugukukuruka kwiwe kugira ngo arushirize gukora vyinshi mu murimo wa Yehova. Numubaze ivyo yahinduye n’imihezagiro yaharonkeye.

Imin. 20: Nushire amanga kugira wamamaze (1 Tes. 2:2). Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusigure igituma benshi batinya kwegera abandi ngo babashikirize ubutumwa bw’Ubwami. Ivyo birashikira n’abamaze imyaka n’iyindi bakora ico gikorwa. Niwigane bimwebimwe mu vyabaye biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1999, ku rupapuro rwa 20; mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2000, ku rupapuro rwa 17, hamwe no mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1996, ku rupapuro rwa 31. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bashoboye gushira amanga kandi bari bagize ubwoba, gutyo barashobora gushikiriza inkuru nziza. Nusozere mu kubaremesha kuronderera inkomezi kuri Yehova, ukoresheje Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2000, urupapuro rwa 15-16.

Ururirimbo rwa 11 (85) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 1 Nyakanga

Ururirimbo rwa 21 (191)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Myandagaro. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Nyakanga. Nutunganye imbere y’igihe ivy’uko umuntu umwe canke babiri bigana ibintu biremesha vyabashikiye bariko baramamaza akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro ry’intara, bari mu buruhuko canke mu bindi bihe vyo muri aya mezi ya vuba.

Imin. 15: Usezeraniye umuntu gusubira kumugendera, woba ubishitsa? Insiguro be no guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1999, urupapuro rwa 10-11, munsi y’agatwe kavuga ngo “ Autres manières de tenir ses promesses ” (Ubundi buryo bwo gushitsa ivyo wasezeranye). Igihe tuganiriye n’abantu mu busuku bagashimishwa, dukunda guca duhana isango ryo kuzobandanya ico kiganiro ikindi gihe. Twoba twubahiriza isango twahanye? Nimwihweze ingingo ngenderwako za Bibiliya zikwiye kutuvyurira umutima wo gushitsa ivyo twasezeranye. Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe vyerekana ukuntu bahezagiwe mu gusubira kugendera abo bayaze badatebaganye.

Imin. 20: “Tugume dufata neza aho dusengera”.f (Ingingo ya 6-12) Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nushimike ku kamaro ko kubungabunga mu buryo bubereye Ingoro y’Ubwami, mu gushimikira ku biri mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 4. Nushiremwo raporo ngufi yerekana ukuntu Ingoro y’Ubwami yanyu yifashe, wongere uvuge ivyo mutegekanya gukora vyose kugira muyisanure canke muyiryohore

Ururirimbo rwa 26 (212) n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

f Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika