ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/03 rup. 3-5
  • Tugume dufata neza aho dusengera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugume dufata neza aho dusengera
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ibibanza dusengeramwo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Iki ni ikibanza dusengeramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Twofasha gute kubungabunga Ingoro y’Ubwami yacu?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Kubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 8/03 rup. 3-5

Tugume dufata neza aho dusengera

1. Ingoro y’Ubwami ifise intumbero iyihe?

1 Mw’isi yose hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 94.000. Menshi muri ayo mashengero akoranira mu Ngoro y’Ubwami kugira bige Bibiliya bongere bifatanye n’abandi bakirisu, ikaba ari yo ntimatima y’ugusenga gutyoroye mu karere irimwo.

2. Ni kubera iki bihambaye ko tubungabunga Ingoro y’Ubwami kugira igume isukuye kandi iboneka neza?

2 Kwama hagirwa urutonde rw’isuku: Igikorwa turangura mu kubungabunga Ingoro y’Ubwami, ni umuce ntahara ugize umurimo mweranda wacu. Igitabu Ubusuku Bwacu ku rupapuro rwa 62 kivuga giti: “Abavukanyi bakwiye kubona ko badafise gusa agateka k’ugushigikira Ingoro y’Ubwami mu vy’amahera gusa, ariko kandi n’ak’ukwitanga bavyishakiye mu kuyibungabunga ikaguma isukuye, isa neza kandi isanuye. Hanze be n’imbere, Ingoro y’Ubwami ikwiye kuba iserukira ishirahamwe rya Yehova bimwe bibereye”. Ingoro y’Ubwami ikoreshwa kenshi mu ndwi, birakenewe ko yama isukurwa kandi ibungabungwa. Akenshi ivyo vyitwararikwa n’abitanga bavuye mw’ishengero (mu mashengero) rikoranira (akoranira) muri iyo Ngoro y’Ubwami. Nk’uko vyari biri mu bihe vya Bibiliya, twebwe abasavyi ba Yehova muri iki gihe dukwiye kuba abanyamwete mu ‘gusanura no gukomeza’ aho dusengera.—2 Ngo. 34:10.

3. Ugusukura Ingoro y’Ubwami bikwiye gutunganywa gute, kandi ni bande bakwiye kugira uruhara muri ako gateka?

3 Urutonde rwo gusukura Ingoro y’Ubwami ku ndwi ku ndwi rukwiye kumanikwa ku kibaho c’amatangazo. Imigwi yose y’inyigisho y’igitabu ikwiye kuza irakurakuranwa mu gusukura ingoro ku ndwi ku ndwi, hakurikijwe urutonde rw’ibintu bikeneye gukorwa. Ababishoboye bose barakwiye kugira uruhara muri ako gateka kagirwa ku ndwi ku ndwi ko kubungabunga Ingoro y’Ubwami kugira igume isukuye kandi isa neza. N’abana barashobora kubigiramwo uruhara bahagarikiwe n’abavyeyi, gutyo bakaba bariko babigisha guha agaciro ako gateka. Igihe canecane amashengero abiri canke arenga asangiye Ingoro y’Ubwami, gusenyera ku mugozi umwe usanga bikenewe cane kugira ngo kwitwararika uwo muce uhambaye w’ugusenga kwacu ntibigwe ku bantu bakeya gusa.

4. Hokorwa iki kugira ngo abagize ishengero bamenye ibikwiye gukorwa igihe co gusukura Ingoro y’Ubwami?

4 Urutonde rw’ibikeneye gukorwa rukwiye kumanikwa, kumbure aho ibikoresho bibikwa. Urwo rutonde rukwiye gusigura ibikeneye gukorwa ku ndwi ku ndwi, nk’ugukubura, kwoza amadirisha, guhanagura umukungugu uri aho batangira ibisohokayandikiro, kuja guta umwavu, gukoropa, guhanagura ivyirore. Hari ibikorwa bidakenera gukorwa kenshikenshi, nko gusena igikoresho ico ari co cose gikozwe mu mbaho be no kwoza intebe tukanoza, kumesura amarido, guhanagura ibintu bitanga umuco. Imiti yose ikoreshwa mw’isuku ikwiye kubikwa aho abana badashika kandi ikaba iriko ivyandiko vyerekana neza iyo ari yo. Birabereye ko hasigurwa muri make ingene umuti wose ukwiye gukoreshwa.

5. Ivyo kwirinda impanuka bihambaye ku rugero rungana iki, kandi ni ibintu ibihe bikeneye kuza birasuzumwa uko igihe kihaciye? (Raba uruzitiro ruri aha hepfo.)

5 Ivyo kwirinda impanuka ku Ngoro y’Ubwami ni co kintu gihambaye kuruta ibindi (Gus. 22:8). Ku bijanye n’ivyo, uruzitiro ruri aha hepfo rurimwo urutonde rw’ibintu bikeneye kuza birasuzumwa uko igihe kihaciye kugira ngo mushobore kwirinda impanuka.

6. Igikorwa co kubungabunga Ingoro y’Ubwami gitunganywa gute?

6 Kubungabunga Ingoro y’Ubwami: Inama y’abakurambere ifise ibanga ryo gucungera ibijanye n’ukubungabunga Ingoro y’Ubwami. Mu bisanzwe, umukurambere canke umukozi w’ishengero aragenwa kugira abe umuhuzabikorwa. Aratunganya ingene Ingoro y’Ubwami ikoreshwa ku musi ku musi, akaraba neza yuko iguma isukuye kandi imeze neza, n’uko hari ibikoresho bihagije. Birahambaye cane ko muri nya ngoro canke ku mbuga yayo hataba ibintu vyotera akaga. Iyo amashengero abiri canke arenga asangiye ingoro, inama z’abakurambere z’ayo mashengero zirashiraho komite iraba ivyo bikorwa kugira iringanize ivyo kwitwararika iyo nyubakwa be n’ikibanza irimwo. Iyo komite ikora yisunze ubuyobozi bw’izo nama z’abakurambere.

7. (a) Ni ibiki bikwiye gukorwa ku mwaka ku mwaka kugira murabe neza yuko Ingoro y’Ubwami iguma imeze neza? (b) Ni ibiki bisaba kuza biritwararikwa uko igihe kihaciye? (Raba uruzitiro ruri iburyo.)

7 Uko umwaka utashe, Ingoro y’Ubwami irasuzumwa mu buryo bunogangije. Abakurambere barabikurikirana mu gushiraho intunganyo kugira ngo akantu kose gakeneye gutunganywa kitwararikwe. Abamamaji barashobora gusabwa gusahiriza mu bintu bikeneye gusanasanwa no kubungabungwa. Bose bakwiye kuba maso kugira bitwararike akantu kose maze bace bamenyesha mu maguru masha ibintu vyose bikeneye kwitwararikwa.

8. Ni ryari abakurambere bashobora kwitura Komite y’ubwubatsi y’intara ku bijanye n’ibibazo vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami?

8 Nimba abakurambere bumva bikenewe kugirwa inama no gusahirizwa mu vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami, barashobora kwitura Komite y’ubwubatsi y’intara. Ivyo bishobora kuba birimwo gusanasana igisenge, impome, hasi kw’isima be no gusanura ahabunzwe muri iyo nyubakwa.

9. Ni ibiki bikwiye gukurikizwa igihe bibaye ngombwa ko haba ivyo gupatana?

9 Gukoresha ikigega c’ishengero mu buryo buranga ubukerebutsi: Vyinshi mu bintu bikorwa ku Ngoro y’Ubwami no ku mbuga, bikorwa n’abitanga bavyishakiye. Utwigoro bagira two kwitanga ni uburyo bwiza bwo kugaragaza urukundo kandi birafasha cane mu kugabanya amahera akoreshwa. Nimba bibaye nkenerwa yuko mupatana n’umuntu kugira ngo akore ibikorwa bimwebimwe, nko gupompa umuti, abakurambere barondera uwusaba make. Ivyo babigira mu gutangura gutegura ido n’ido ry’ibikeneye gukorwa n’ibikoresho bikeneye kuronderwa. Ikopi iriko urutonde rw’ivyo bintu ikwiye guhabwa abantu batandukanye mwipfuza gupatana kugira ngo bose batange igiciro batahura kumwe ivyo musaba. Abakurambere bamaze kuronka ibiciro vyatanzwe n’abipfuza gupatana nka bangahe, barashobora rero guca bahitamwo uwashikirije igiciro gishimishije. Ivyo birakwiye gukurikizwa n’igihe nyene yoba ari umuvukanyi yasavye gukora ico gikorwa canke kuzana ivyo bikoresho bikenewe.

10. Ni ibiki bikorwa kugira ngo amahera y’ishengero akoreshwe neza?

10 Abakurambere kandi barakora ibikenewe kugira bakurweko amakori atangwa igihe umuntu aguze ubwatsi, aho ivyo bigirwa. Mu mihingo usanga batanga ikori ry’agataka ku mwaka ku mwaka be n’ikori umuntu atanga ku kibanza kitaramwegukira, abakurambere bakwiye kwitwararika ko Ingoro y’Ubwami ikurwako iryo kori. Igihe amashengero abiri canke arenga asangiye Ingoro y’Ubwami, komite ijejwe ibikorwa irazigama amakonte atandukanye yo muri banki kandi uko ukwezi gutashe ikama ishikiriza inama y’abakurambere imwimwe yose raporo yanditse y’ivy’amakonte, gutyo bakama bamenyesha abakurambere ukuntu amafaranga ariko arakoreshwa. Abakurambere ni bo batanga uruhusha kugira ngo amahera y’ishengero asohoke.

11. Hokorwa iki igihe hari ibintu bikomakomeye bikeneye kubungabungwa canke gusanurwa?

11 Kubungabunga no gusanura ibintu bikomakomeye: Igihe komite ijejwe ibikorwa ibonye ko hari ikintu gihambaye gikenewe mu bijanye n’ikora canke ibungabungwa ry’Ingoro y’Ubwami, iyo komite ica ishikiriza ico kibazo inama z’abakurambere kugira ngo ziyihe ubuyobozi. Niba vyabonywe yuko hari ibintu bikomakomeye bikeneye kubungabungwa canke gusanurwa cabure nimba hakenewe imfashanyo ivuye hanze y’ishengero rikoranira (amashengero akoranira) muri iyo Ngoro y’Ubwami, abakurambere bazokwitura Komite y’ubwubatsi y’intara. Abo bavukanyi bakwije ibisabwa kandi bazi utuntu n’utundi barashobora gutanga inama ngirakamaro kandi bagacungera ukuntu ico gikorwa kirangurwa. Mu gihe hakeneye gusohorwa amahera menshi, bizoba nkenerwa kugereranya amahera bizotwara maze hagategurwa umwiyemezo kugira ngo ishengero riwemeze.—Raba Inyishu ku bibazo vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 1994.

12. Twokwerekana gute ko dukenguruka agateka twatewe ko kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami?

12 Ese ukuntu dukenguruka bivuye ku mutima agateka twatewe ko gukoranira hamwe mu Ngoro y’Ubwami! Nimuze ntitwigere dufata minenegwe amakoraniro yacu canke ngo tubone ko ari ikintu gisanzwe. Twese turashobora guterera agacumu k’ubumwe kugira ngo iyo ntunganyo igende neza maze turemeshwe, mu kugira uruhara bimwe bishitse mw’ibungabungwa ry’Ingoro y’Ubwami yacu. Ivyo birahayagiza ugusenga gutyoroye bikongera bigatera iteka izina rya Yehova. Nimuze twiyemeze kuguma dufata neza aho dusengera.

[Box on page 3]

Urutonde rw’ivyihwezwa mu bijanye n’ikingirwa ry’Ingoro y’Ubwami

◻ Ibizimyamuriro bikwiye kuba biri ahantu umuntu ashobora kubishikira bitagoranye kandi bikaza birabungabungwa ku mwaka ku mwaka.

◻ Murabe neza ko icuma gikinga inkuba cashizweho.

◻ Imiryango isohoka ikwiye kuba iriko ikimenyetso kivyerekana neza, vyoroshe kuyicamwo kandi ntikwiye kwugarwa mu gihe c’amakoraniro.

◻ Ivyumba vy’ububiko n’utuzu twa surwumwe bikwiye kuba bisukuye, ibintu birimwo bitandagaye kandi bitarimwo ibintu bifata umuriro ningoga kandi ata bintu vy’abantu bibikwayo cabure ngo bibemwo imicafu.

◻ Igisenge be n’imireko bikwiye kwama bisuzumwa kandi bisukuye.

◻ Ibintu vyotuma umuntu anyerera canke atemba birakwiye gukurwa mu tuyira abantu bacamwo be n’aho guhagarika imiduga.

◻ Ibitwara umuyagankuba be n’ibitanga akayaga bikwiye gusuzumwa kandi bikabungabungwa mu buryo bubereye.

◻ Ahantu hose hava hakwiye gusanasanwa kugira ngo ntihagire ibizohava vyononekara.

◻ Inyubakwa ikwiye kwugarwa igihe ata muntu n’umwe ahari.

[Box on page 4]

Kwitwararika inyubakwa be n’ikibanza irimwo

◻ Inyuma: Mbega ibisakazo, impome, irangi, amadirisha be n’icandiko kiranga Ingoro y’Ubwami vyoba biguma bimeze neza?

◻ Imbuga: Imbuga yoba ifashwe neza? Utuyira bacamwo, uruzitiro be n’aho guhagarika imiduga vyoba bimeze neza?

◻ Imbere: Hasi kw’isima, amarido, intebe, ivyuma bitanga umuco, irangi, ahabikwa ibisohokayandikiro be n’ibindi vyumba vyoba biboneka neza?

◻ Ibikoresho: Ibitanga umuco, ivyuma vy’amajwi be n’ibitanga akayaga, vyoba bikora neza?

◻ Utuzu twa surwumwe: Twoba dusukuye kandi dukora neza?

◻ Inyandiko z’ishengero: Ivyete vyerekana ko ubwatsi canke ikindi kintu kitwegukira vyoba bihuje n’igihe kandi ata mahinyu arimwo, kandi bikaba bizigamwe mu madosiye y’ishengero aho bitohura n’isanganya? Aho bisabwa, amakete atwemerera gukurwako amakori y’agataka be n’ayatangirwa ikibanza kitaratwegukira, yoba azigamwe neza mu madosiye y’ishengero?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika