Gukukuruka woba ari umuryango ujana ku gikorwa ciyongereye?
1 Abantu benshi bakora cane si bo babona harageze ko bakukuruka ngo bakurweko umuruho be n’imikazo biva ku kazi. Ariko rero ntiwumve, kenshi ugukukuruka gutuma umuntu atanerwa ibintu, akarambirwa kandi agasaza n’ingoga. Igihe umuntu ata gikorwa gifise intumbero akora, aca arengerwa n’ivyiyumviro vyo kwiganyira. Ikinyamakuru kimwe co muri Berezile cavuze yuko abakozi ba leta b’abakukuruke bidoga kubera ingorane zirimwo ‘kugira umwikomo, gukaza ishavu, kudatekanirwa, kwumva ko ata co bakimaze, mbere bagashika naho bicwa n’intuntu bakumva ko umengo ubuzima bwabo ntibugira intumbero’.
2 Abakirisu benshi bobo babona ko iryo hinduka ryo mu buzima bwabo ribugururira umuryango ujana ku gikorwa c’ivy’impwemu ciyongereye. Umuvukanyi umwe yatanguye igikorwa c’ubutsimvyi amaze indwi zibiri akwije imyaka 65 yavuze ati: “Mu buzima bwanje ntihari bwigere haba igihe ndonka imihezagiro mwinshi nk’iyo naronse mu myaka cumi namaze nkora ubutsimvyi”. Umugabo n’umugore bubakanye banditse bati: “Imyaka yacu y’agahimbare ntangere yatanguye igihe twatangura gukora ubutsimvyi”. Emwe, kuri benshi gukukuruka kurabaha akaryo ko kwagura ubusuku bwabo maze bakironkera imihezagiro myinshi iva kuri Yehova.
3 Nugume ufise vyinshi ukora kandi wimbuke: Abantu benshi b’abakukuruke muri iki gihe, usanga batakuriye mu bihinda nk’ibikwiye hose muri iki gihe kandi barize gukora bagatama kuva bakiri bato. Naho nyene boba batagifise inkomezi nk’izo bari bafise bakiri bato, baracari abakozi bimbuka. Mu cibare c’ishami rimwe, ibice 22 kw’ijana vy’abatsimvyi, ni ukuvuga abavukanyi n’abavukanyikazi bashika ku 20.000, bafise n’imiburiburi imyaka 60 y’amavuka. Abo bantu bageze mu zabukuru baraterera cane mu gikorwa co kwamamaza. Utuntu n’utundi bazi be na kamere zishimwa n’Imana bafise ni ubutunzi ku mashengero bakukira.—Yak. 3:17, 18.
4 Kuguma umuntu afise vyinshi akora mu busuku bwa gikirisu biri mu bituma arushiriza kugira amagara meza n’ubuzima bumeze neza. Umuvukanyikazi umwe afise imyaka 84, akaba yatanguye igikorwa c’ubutsimvyi aho akukurukiye, yavuze ati: “Kwigana Bibiliya n’abantu benshi bashimishijwe vyaramfashije kuguma nkoresha ubwenge. Kubera yuko ata muduga mfise, ndagendagenda cane. Ivyo bituma nguma mfise amagara meza”. Umugabo n’umugore bubakanye b’abatsimvyi, bakaba bageze mu zabukuru bavuze bati: “Umurimo utuma tuguma tumerewe neza mu bwenge no ku mubiri. Twama nantaryo turi kumwe. Turatwenga cane kandi tukanezererwa ubuzima”.
5 Gukorera aho bikenewe: Abakirisu bamwebamwe bakukurutse bafise uburyo mu vy’ubutunzi, barimutse baja gukorera ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Abandi baraguye ubusuku bwabo kugira ngo bakorere mu ndimiro hakoreshwa ururimi runyamahanga. Nka kurya kw’intumwa Paulo, abo bamamaji b’abanyamwete “ivyo vyose [ba]bikora kubg’ubutumwa bgiza, kugira ngo [ba]fatanye n’abandi muri bgo”.—1 Kor. 9:23.
6 Abubakanye babiri batanguye gukora ubutsimvyi bamaze gusohora abahungu babo babiri. Bamaze imyaka itari mike bakora ubutsimvyi, baratanguye igikorwa co kwiga ururimi rw’igishinwa. Ubu bafise imyaka irenga 70, baherutse kugira umunezero wo kubona umugwi ukoresha igishinwa bamaze igihe bakorana, ucika ishengero. Ese ingene abantu bubakanye mwene abo ari umuhezagiro!
7 Nta wukukuruka mu busuku: Naho abantu benshi impera n’imperuka bakukuruka mu kazi, nta mukirisu akukuruka mu murimo w’Imana. Bose bategerezwa kubandanya kuba abizerwa “[ba]gashitsa kw iherezo” (Mat. 24:13, 14). Mugabo ntiwumve, uko bagenda bariterera mu myaka, bamwebamwe ntibaba bagishoboye gukora ibingana n’ivyo bahora bakora mu murimo wa Yehova. Ariko urazi ukuntu biremesha kubona bakora ivyo bashoboye vyose babigiranye umutima wabo bose! Ijambo ry’Imana rirabakura amazinda yuko Yehova atazokwibagira igikorwa cabo n’urukundo bakunda izina ryiwe.—Luka 21:1-4; Heb. 6:10.
8 Nimba uriko uregereza imyaka yo gukukuruka, ni kubera iki utozirikana ubicishije mw’isengesho ukuntu ushobora gukoresha mu buryo bushitse ukwo kuntu ivyawe bizoba bihindutse? Ubifashijwemwo n’Imana, woshobora gusanga ugukukuruka kukwugururiye umuryango ujana mu gikorwa ciyongereye gishemeza Yehova kandi kizana imihezagiro myinshi.—Zab. 148:12, 13.