Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 25 Myandagaro 2003. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu bigabu vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 7 Mukakaro gushika ku ndwi itangura ku wa 25 Myandagaro 2003.
Amayagwa akurwa mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2003 ni ayo mu gitabu “Kila Andiko”.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni ivyiza ibihe biva ku kuraba mu maso abariko barakwumviriza igihe uri mu busuku? [be-RU rup. 125 ing. 1-2; rup. 125 agasandugu]
2. Nimba uta umutwe imbere y’uko uja mu busuku, ni ibiki bishobora kugufasha? [be-RU rup. 128 ing. 4-5]
3. Ni igiki kizogufasha kuvuga nk’uko usanzwe uvuga nk’uko kandi usanzwe uyaga, igihe ushikiriza insiguro ku mukiruruko? [be-RU rup. 129 ing. 2; rup. 129 agasandugu]
4. Ingingo ngenderwako dusanga mu Balewi 16:4, 24, 26, 28; Yohana 13:10; no mu Vyahishuriwe 19:8, zikwiye gukora iki ku kuntu tuboneka, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye? [be-RU rup. 131 ing. 3; rup. 131 agasandugu]
5. Dondora umuntu yifata rupfasoni kandi afise “ukurorana kw’umuzirikanyi” (1 Tim. 2:9, 10, NW). [be-RU rup. 132 ing. 1]
6. Twokwitwararika gute ukuntu tuboneka igihe turiko tuja ahantu h’ugusengera, canke igihe turi mu busuku bwo mu ndimiro? [be-RU rup. 131 ing. 3]
IKIGABU NO. 1
7. Ni kubera iki ata mwaka wa zero wabayeho? [km-RU 5/03 rup. 8 ing. 24]
8. Ni vyo canke si vyo: Igitigiri gaharura gatondeshamurongo ni igitigiri cuzuye. Sigura. [km-RU 5/03 rup. 8 ing. 24-25]
9. Ni iyihe mvo ityoroye kuruta zose dushobora kugira yotuma dusoma Ijambo ry’Imana, kandi ni kubera iki bihambaye kugira iyo mvo? [be-RU rup. 24 ing. 1]
10. Ni kubera iki ukwicisha bugufi ari ikintu gihambaye mu vy’ukugira umutima uteguye (Ezr. 7:10, NW)? [w00-RU 1/3 rup. 30 ing. 2]
11. Ni kubera iki twovuga ko abakirisu muri iki gihe bagize “umukuku umwe n’umwungere umwe” (Yoh. 10:16)? [w00-RU 1/4 rup. 31 ing. 6]
IKIGABU NO. 4
12. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo “nta kimenyetso bazohabga, atar’ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona” (Mat. 12:39). [gt-RU ikig. 42 ing. 4-5]
13. Igihe Yezu yatanga akarorero k’umuntu impwemu mbi yavuyemwo yariko yerekeza kuri bande? Sigura (Mat. 12:43-45). [gt-RU ikig. 42 ing. 7]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
14. Abakirisu bakiriye gute ingingo yafashwe n’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere ku kibazo cerekeye ugukebwa, kandi ivyo bitwigisha iki (Ivyak. 16:4, 5)? [w02-RU 1/10 rup. 18-19 ing. 6]
15. Ni vyo canke si vyo: Imigwi imwimwe y’abantu ivuka isumba iyindi. Sigura (Ivyak. 16:4, 5). [w02-RU 1/1 rup. 3 ing. 4.]