ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/03 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 8/03 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira karashobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?, Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes — Qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? hamwe na Un livre pour tous turashobora gushikirizwa aho bibereye. Ya mpinduro y’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu mu giswahili (Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo) na yo nyene irashobora gushikirizwa muri ukwo kwezi. Nyakanga: La Révélation: le grand dénouement est proche!, La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? Gitugutu: Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Nimba hari abagaragaje ugushimishwa, murashikiriza ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, mugire n’akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Munyonyo: Nimushikirize igitabu Ubumenyi canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Nimba abo musanze ku muhana basanzwe bafise ivyo bisohokayandikiro, nimushikirize igitabu Senga Imana canke ikindi gisohokayandikiro ca kera.

◼ Ibisohokayandikiro biboneka mushobora gusaba kuri komande y’ishengero ikurikira: Inkuru z’Ubwami No. 36, “Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye iki?”—mu congereza; Inkuru z’Ubwami No. 34, “Ni Kuki Ubuzima Bwuzuye Imbangamyi Uku?”—mu congereza; Annuaire des Témoins de Jéhovah 2000, kirimwo inkuru za kahise ko mu Bwongereza, muri Madagasikari n’izo muri Repubulika y’Abaceke; Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo—mu giswahili.

◼ Guhera ku ndwi itangura ku wa 1 Nyakanga gushika ku ndwi itangura ku wa 13 Gitugutu 2003, amashengero akoresha ikirundi azokwiga agatabu Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye? mu nyigisho y’igitabu y’ishengero.

◼ Guhera ku ndwi itangura ku wa 20 Gitugutu 2003, tuzokwiga igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri mu nyigisho y’igitabu y’ishengero.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi muntu yagenywe na we akwiye gukenguza ivy’amakonte y’ishengero ku wa 1 Nyakanga canke inyuma y’iryo genekerezo vuba bishoboka. Ivyo bimaze gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte izokurikira imaze gusomwa.

◼ Ku magenekerezo ya 29 na 30 Myandagaro 2003 hazogirwa itondanuza ry’ibisohokayandikiro vyose Beteli ifise. Kubera iryo tondanuza, nta makomande y’ibisohokayandikiro y’ishengero azotunganirizwa ivyayo ngo birungikwe canke ngo bitorwe muri iyo misi.

◼ Amashengero akwiye gutangura gusaba kuri komande zayo zikurikira, Calendrier des Témoins de Jéhovah 2004 (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova 2004), Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2004 na Annuaire des Témoins de Jéhovah 2004. Urutonde rw’indimi ivyo bisohokayandikiro bibonekamwo ruzosohorwa mw’ “Itangazo ku mashengero yose”, rirungikirwa amashengero yose uko ukwezi gutashe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika