“Urazi ko woshobora kuba umutsimvyi!”
1. Mushiki wacu umwe yabona gute umurimo w’ubutsimvyi yarangura?
1 “Nta kindi gikorwa nk’ico nari gushobora kuronka cotumye numva mpimbawe ukuraho canke kikanzanira imihezagiro yo mu vy’impwemu nk’iyo nironkera.” Ivyo vyavuzwe n’uwitwa Kathe B. Palm. Yamaze imyaka mirongo ari umutsimvyi yitanga atiziganya ashinga intahe muri Amerika y’Epfo mu gihugu ca Shili, iyo kiva kikagera. Umuntu yazirikanye ku bijanye n’ubuzima bwuzuye imihezagiro abari mu murimo w’igihe cose bifitiye, yoshobora kuba yarakubwiye ati: “Urazi ko wewe ushobora kuba umutsimvyi!”
2. Nusigure igituma ibikorwa bijanye n’ivy’impwemu bituma duhera akanyota rwose.
2 Ubutsimvyi butuma ugira ubuzima bumara akanyota: Yezu we Karorero kacu yarumva agaruriwe agatege vy’ukuri mu gukora ivyo Se agomba. (Yoh. 4:34) Nta buryarya rero bwarimwo igihe Yezu yigisha abayoboke biwe yuko gukora ibikorwa bijanye n’ugusenga Yehova ari vyo bituma umuntu ahera akanyota. Turumva dushize akanyota igihe tuba dufise vyinshi dukora mu buzima bwacu bituma Yehova adushima. N’ikindi kandi, uko turushiriza gutanga umwanya wacu, inguvu zacu n’ubutunzi bwacu kugira ngo dufashe abandi, ni ko turushiriza kugira agahimbare.—Ibik. 20:31, 35.
3. Ni uwuhe munezero twoshobora kwironkera twongereje umwanya tumara mu busuku?
3 Uko twongereza umwanya tumara mu busuku, ni ko twongereza uturyo two kwironkera umunezero wo gutanguza inyigisho za Bibiliya no kuziyobora. No mu karere usanga abaho basa n’abatanezwe inkuru nziza, uko tugenda turaca uruma twongera tugira ubuhanga mu busuku, twoshobora gusanga icibare cacu cimbuka kuruta uko twahora tuvyiyumvira. Abatsimvyi barashobora gukoresha ubumenyi butari buke baronkera kw’Ishure ry’abatsimvyi igihe baba bamaze nk’umwaka umwe bakora ubutsimvyi. (2 Tim. 2:15) Twumiye kw’ibanga, twoshobora gusanga turiko turabiba imbuto z’ukuri zizohava zikama.—Umus. 11:6.
4. Ni igiki urwaruka rwegereje kurangiza amashure rwozirikanako?
4 Urwaruka: Magingo wegereje kurangiza amashure yisumbuye, woba umaze kuzirikana witonze ibijanye na kazoza kawe? Gushika ubu, ivyigwa ni vyo ahanini bigenga ingene ukoresha umwanya wawe. None niwarangiza amashure, uwo mwanya uzoca uwukoresha gute? Aho gukurikirana umwuga wo mw’isi, ubona gute uzirikanye ujanisha n’isengesho ibijanye n’umugambi wo gukora ubutsimvyi busanzwe? Ubuhanga uzohigira, nk’akarorero ukuyagisha abantu bava mu mice itandukanye, ugutsinda intambamyi ziva ku kuntu ivyawe vyifashe, ukwiga kwishingira uturimbi be n’ugutsimbataza ubushobozi bwo kwigisha, buzokugirira akamaro mu buzima bwawe bwose.
5. Abavyeyi be n’abagize ishengero bashobora gute kuremesha ubutsimvyi?
5 Bavyeyi, mwoba muriko murashitsa uruhara rwanyu mu kuremesha abana banyu gukora umurimo w’igihe cose? Ivyo muvuga be n’akarorero keza mutanga birashobora kubafasha cane gushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere. (Mat. 6:33) Uwitwa Ray, akaba yatanguye ubutsimvyi ariko ararangiza amashure yisumbuye, yigana ati: “Mawe yamye abona ko ubutsimvyi butuma umuntu agira ubuzima bumara akanyota kuruta ubundi bwose.” Abagize ishengero bose barashobora kuremesha umurimo w’ubutsimvyi biciye ku vyo bavuga no ku mfashanyo batanga. Uwitwa Jose wo mu gihugu ca Esupanye, avuga ati: “Abari bagize ishengero narimwo babona ko igikorwa c’ubutsimvyi ari wo mwuga uruta iyindi yose abakiri bato bokurikirana. Ivyo bavuga ku bijanye n’umurimo w’ubutsimvyi be n’ukuntu bawushima, ntibagiye ukuntu bamfasha mu buryo buboneka, vyatumye noroherwa no gutangura ubutsimvyi.”
6. Twokora iki nimba tutaragira icipfuzo co gukora ubutsimvyi?
6 Gutsinda intambamyi: Bite ho mu gihe woba uvuga uti: ‘Jewe nta cipfuzo mfise co gukora ubutsimvyi.’ Nimba ari ukwo ushoka wiyumva, nuture isengesho Yehova ku bijanye n’ukwo kuntu wiyumva, umubwire uti: ‘Sinzi yuko noshobora ubutsimvyi, mugabo ndipfuza gukora ibiguhimbara.’ (Zab. 62:8; Imig. 23:26) Nuce rero urondera ubuyobozi atanga biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. Abatsimvyi basanzwe benshi babanje ‘kwumvirizako’ mu gukora ari abatsimvyi bafasha, maze umunezero bironkeye uraheza ubavyurira umutima wo kugira umurimo w’igihe cose wo mwuga wabo.—Zab. 34:8.
7. Twoshobora gute gutsinda amakenga y’uko tutoshobora gukwiza ya masaha 70 asabwa buri kwezi?
7 Wokora iki nimba ukekeranya yuko utoshobora gukwiza ya masaha 70 asabwa buri kwezi? Ubona gute uyaze n’abatsimvyi ivyabo vyifashe nk’ukwo kwawe? (Imig. 15:22) Nuce rero wandika intonde zitandukanye woshobora kwisunga. Gufata umwanya w’ibikorwa bidahambaye cane ukawicungurira ku bw’ubusuku, woshobora gusanga vyoroshe gusumba uko wahora uvyiyumvira.—Ef. 5:15, 16.
8. Ni kubera iki uko haciye igihe twoza turasubira kwihweza uko ivyacu vyifashe?
8 Subira wihweze neza ivyawe: Uko ivy’umuntu vyifashe birakunze guhinduka. Biraba vyiza uko haciye igihe usubiye kwihweza uko ivyawe vyifashe. Nk’akarorero, woba uri hafi yo gukukuruka? Umuvukanyi umwe yakukurutse kare yitwa Randy avuga ati: “Iyo ngingo nafashe yaramfashije gutangura ubutsimvyi busanzwe mfatanije n’umukenyezi wanje, kandi ivyo vyaraturonkeje akaryo ko kwimuka tuja gukorera ahakeneye abamamaji benshi kuruta. Narironkeye imihezagiro itagira uko ingana ku bw’iyo ngingo nafashe, ariko umuhezagiro uruta iyindi yose naronse ni ijwi ryiza ryo mu mutima.”
9. Ni igiki abubakanye borimbura?
9 Abubakanye bamwebamwe barihweje neza ivyabo basanga ntibikenewe ko bompi bakora akazi kabatwara umwanya wose. Ego ni ko, ivyo vyoshobora gusaba ko umuryango worosha ubuzima, mugabo ako kigoro si impfagusa. Uwitwa John, umukenyezi wiwe akaba aherutse guhagarika akazi kamutwara umwanya wose kugira ngo ashobore kwagura ubusuku bwiwe, yigana ati: “Nta kintu kindyohera kuruta kumenya yuko umukenyezi wanje yirirwa mu vy’impwemu.”
10. Ni igiki kivyurira abakirisu umutima wo kurimbura ivyo gukora ubutsimvyi?
10 Ni uburyo bwo kugaragaza urukundo n’ukwizera: Igikorwa co kwamamaza, Yehova yakigize co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose uwo ari we wese muri twebwe yoshobora gukora. Iyi si ishaje igiye vuba gusangangurwa, abambaza izina rya Yehova bakaba ari bo bonyene bazokizwa. (Rom. 10:13) Umutima wuzuye urukundo tumufitiye be n’ugukenguruka ivyo yadukoreye ni wo uzotuma tugamburuka tugakora igikorwa Umwana wiwe yadutegetse co kwamamaza n’umwete. (Mat. 28:19, 20; 1 Yoh. 5:3) Ikigeretseko, kuba twemera ko vy’ukuri tubayeho mu misi ya nyuma bizotuvyurira umutima wo gukora uko dushoboye kwose mu busuku magingo hakiriho akanya, aho gukoresha cane isi.—1 Kor. 7:29-31.
11. Ukwiye kubibona gute hagize uwukubwira ko woshobora kuba umutsimvyi?
11 Gukora ubutsimvyi busanzwe si ukwitaba gusa akamo ko kuza turamara amasaha kanaka mu ndimiro, ahubwo ni uburyo bwo kwerekana ko Imana twayihebeye. Hagize rero umuntu akubwira ko woshobora kuba umutsimvyi, nubone yuko akubonamwo iciza. Nuce uzirikana ujanisha n’isengesho, urabe ko wokwiyunga ku bamaze gutangura uwo murimo umara akanyota.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Bavyeyi, mwoba muriko murashitsa uruhara rwanyu mu kuremesha abana banyu gukora umurimo w’igihe cose?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Igikorwa co kwamamaza, Yehova yakigize co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose uwo ari we wese muri twebwe yoshobora gukora.