ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/11 rup. 7
  • Woba warigeze kuba umutsimvyi asanzwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba warigeze kuba umutsimvyi asanzwe?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Woba ushobora kwinjira mu “rugi runini ruja mu bikorwa”?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • “Urazi ko woshobora kuba umutsimvyi!”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Iki ni co gihe co kwamamaza!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 3/11 rup. 7

Woba warigeze kuba umutsimvyi asanzwe?

1. Ni agateka akahe abantu benshi batewe, ariko vyabaye ngombwa ko bamwebamwe bakora iki?

1 Mu myaka n’iyindi, abantu ibihumbi baratewe agateka ko “kwigisha no kumenyesha inkuru nziza” ari abasuku b’igihe cose. (Ivyak. 5:42) Ariko rero, bamwebamwe vyabaye ngombwa ko bahagarika ubutsimvyi kubera imvo zitandukanye. Nimba warigeze kuba umutsimvyi asanzwe, woba umaze kurimbura uko ivyawe vyifashe ubu kugira urabe nimba wosubira gukora ubutsimvyi?

2. Kubera iki abigeze gukora ubutsimvyi borimbura uko ivyabo vyifashe ubu?

2 Ibintu birahinduka: Vyoshoboka ko imvo yatumye uhagarika ubutsimvyi ubu itakiriho. Nk’akarorero, nimba wahagaritse ubutsimvyi kubera utashobora gushikana ya masaha 90 yasabwa ku kwezi, woba ushobora gusubira kubukora ko ubu amasaha asabwa yagabanijwe gushika kuri 70? Akazi wasabwa gukora canke amabanga yo mu muryango vyoba vyaragabanutse inyuma y’aho uhagarikiye ubutsimvyi? Mushiki wacu umwe yigeze guhagarika ubutsimvyi kubera ingorane z’amagara yarashoboye gusubira kubukora afise imyaka 89. Yari amaze umwaka urenga ataja mu bitaro kandi yarumva ko amagara yomukundira gusubira gukora ubutsimvyi.

3. Abagize umuryango boshobora gute gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo bafashe umwe muri bo gukora ubutsimvyi?

3 Ushobora kuba utigeze uba umutsimvyi, ariko hakaba hari uwo mu muryango wanyu yahagaritse ubutsimvyi kugira yitwararike uwo mu muryango, nk’umuvyeyi ageze mu zabukuru. (1 Tim. 5:4, 8) Nimba ari ukwo, hoba hari ico wewe canke abandi mu muryango iwanyu mwofasha? Mubona gute muganiriye ico kibazo? (Imig. 15:22) Igihe abagize umuryango basenyeye ku mugozi umwe kugira ngo umwe muri bo akore ubutsimvyi, bose boshobora vy’ukuri kwumva ko bariko barabigiramwo uruhara.

4. Wokora iki nimba ubu udashobora gusubira gukora ubutsimvyi?

4 Nimba uko ivyawe vyifashe ubu bitagukundira gusubira gukora ubutsimvyi, ntucike intege. Yehova arahimbarwa no kuba ufise umutima ukunze. (2 Kor. 8:12) Ubuhanga wize igihe wari umutsimvyi nubukoreshe mu busuku urangura muri iki gihe. Nushire mw’isengesho icipfuzo ufise, kandi wame ugabirije gukoresha uturyo tubonetse two guhindura uko ivyawe vyifashe. (1 Yoh. 5:14) Kumbure haheze igihe, Yehova azokwugururira “umuryango munini uja ku gikorwa” maze ushobore gusubira kunezererwa ubutsimvyi busanzwe!—1 Kor. 16:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika