Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 8 Nyakanga
Ururirimbo rwa 27 (221)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nuremeshe bose gusubiramwo utwo banditse kuri porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo uheze, mu kwitegurira Ikoraniro ry’umurimo rizoba mu ndwi iza. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ibintu bibaho y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Myandagaro. Mu mwerekano umwe, herekanwe umunyeshure canke umuvyeyi wiwe ariko arashinga intahe ku mwigisha.
Imin. 10: Ikete rivuye ku biro vy’ishami. Ikiganiro kigirwa hagati y’umwamamaji amaze igihe kirekire, bikaba vyoba vyiza abaye ari umukurambere, n’umwamamaji akiri muto. Uwo mwamamaji akiri muto abaze uwo mwamamaji wa kera ko yoba yarabonye ikete ryavuye ku biro vy’ishami riri mu Gikorwa dukorera Ubwami. Uwo mwamamaji azi utuntu n’utundi, asigure yuko iryo kete ryavuye ku biro vy’ishami ryahora risohorwa mu Gikorwa dukorera Ubwami co mu myaka ya 1960 na 1970. Nibace baganira ku biri muri iryo kete ku rupapuro rutangura, bashimike ku vyiyumviro nyamukuru.
Imin. 25: “Rwaruka—Nimwishingire itanguriro ryiza ku bwa kazoza”.a Gishikirizwe n’umukurambere, akoreshe ibibazo vyatanzwe. Igihe muganira ku ngingo ya 5, nushire ahabona umunezero n’imihezagiro biva mu murimo w’igihe cose.
Ururirimbo rwa 17 (187) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 15 Nyakanga
Ururirimbo rwa 2 (15)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 10: “Kwiga igitabu Senga Imana”. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’inyigisho y’igitabu. Nukwegere ubwenge ku rutonde rw’inyigisho. Igihe muganira ku ngingo ya kane, nushiremwo insasanuro ziri mu gitabu Ishure ry’Ubusuku, ku rupapuro rwa 28, ingingo ya 1 n’ibiri ku rupapuro rwa 70.
Imin. 25: “Niwizigire Yehova Kandi Ukore Ivyiza” (Zab. 37:3). Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku bibazo bikurikira, bikaba bishira ahabona ivyiyumviro nyamukuru vyo muri porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko ryabaye mu mwaka w’umurimo uheze. Nusabe abumviriza bashiremwo n’insasanuro z’ukuntu bashoboye gushira mu ngiro ivyiyumviro nyamukuru bo ubwabo canke uko bagize umuryango. Nuserure ibice bikurikira vy’iyo porogarama: (1) “Nugaragaze ko Wizigira Yehova”. Ni kubera iki bihambaye kugaragaza ko twizigira Yehova mu mice yose y’ubuzima (it-2-F rup. 428)? Igitabu Index des publications de la société Watch Tower gishobora kudufasha gute? (2) “Niwirinde Ibintu Bitagira Ikimazi mu Buzima” (Umus. 2:4-8, 11). Ni ibikorwa bitagira ikimazi ibihe dutegerezwa kwirinda kandi twovyirinda gute? (3) “Tuzibukire Ibibi, Tube Abakora Ivyiza”. Ni kubera iki bihambaye kwumira ku ngingo mfatirwako za Yehova (Yes. 5:20)? Ni ibikorwa vyiza ibihe dukwiye kwama turiko turakora? (4) “Tugume Twizigira Yehova”. Ni igiki kizodufasha kuguma dushikamye igihe duhanganye n’ibigeragezo be n’inyosha mbi? Ni kubera iki vyokenerwa ko turekera ibintu bimwebimwe mu maboko ya Yehova? (5) “Woba Uzobonwa ko Ubereye Ubwami bw’Imana?” (Kol. 1:10) Ni uturorero two muri Bibiliya utuhe dutuma tubandanya kugenda nk’uko bibereye Yehova? (6) “Niwizigire Imihango ya Yehova”. Kubigira bizogira ico bikoze gute ku buzima bwacu?
Ururirimbo rwa 16 (143) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 22 Nyakanga
Ururirimbo rwa 29 (222)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nyakanga. Herekanwe umukurambere be n’umwamamaji w’amagara make canke uwundi mwamamaji adashoboye vyinshi bariko bashinga intahe kw’ibarabara.
Imin. 15: Twakoze gute mu mwaka uheze? Umucungezi w’umurimo arihweza ibintu bikurubikuru vyo muri raporo y’ishengero yo mu mwaka w’umurimo wa 2003. Nukeze ishengero ku bintu vyiza baranguye. Nushiremwo ivyiyumviro bibereye bivuye muri raporo iheruka yashikirijwe n’umucungezi w’umuzunguruko. Nuvuge umugambi umwe canke ibiri ishoboka mwishingiye mwipfuza gushikako muri uyu mwaka twaraye dutanguye.
Imin. 20: “Amadini yose yoba yemerwa n’Imana?”. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza ku kuntu mwozirikana n’umuntu kuri ico ciyumviro. Nushire ahabona imice imwimwe umuntu ashobora kumenyerako idini y’ukuri. Ubusuku turangura burafasha abandi guhitamwo uburyo bwo gusenga bwemerwa n’Imana.—Kol. 1:9, 10.
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 29 Nyakanga
Ururirimbo rwa 20 (93)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Nyakanga. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Gitugutu.
Imin. 22: “Tube abanyamwete mu ‘gushinga intahe inogangije’ ”.b Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Mumaze kuganira ku ngingo ya 5 n’iya 6, nushiremwo umwerekano mugufi werekana umwamamaji ariko arashinga intahe akaryo kizanye ku muntu akora mu mangazini, amuhe ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?. Imbere y’uko muganira ku ngingo ya 7 n’iya 8, nubanze usabe uwuzisoma n’ijwi ryumvikana. Mu gusozera, nimusome mwongere muganire ku biri mu ruzitiro ruvuga ngo “Ntubibagire!”.
Imin. 18: “Nimwambare ukwicisha bugufi”.c Nusabe abumviriza batange insasanuro ku kuntu ivyanditswe vyoshirwa mu ngiro.
Ururirimbo rwa 28 (224) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 6 Gitugutu
Ururirimbo rwa 9 (37)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Muri uku kwezi tuzogira akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Nimwihweze mu ncamake ibiri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2002, ku rupapuro rwa 1, ingingo ya 1. Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: “Raba Neza ko Ushira Ibintu vya Mbere mu Kibanza ca Mbere!”. Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku kiganiro co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1998, ku rupapuro rwa 19-21. Nuvuge amatariki ibintu vya gitewokarasi bitegekanijwe kuzoberako mu mezi nk’angahe ari imbere, maze uremeshe bose gushira akamenyetso kuri ayo matariki ku birangamisi vyabo. Nusabe abumviriza bavuge ivyo bakora kugira ngo birinde guhomba intunganyo zo mu vy’impwemu.
Imin. 20: Nunanire akosho k’urunganwe. Nubaze ibibazo umukurambere canke umukozi w’ishengero yakuriye mu muryango w’abakirisu. Niwerekeze ku vyiyumviro warobanuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2003. Uwo muvukanyi yahuye n’imikazo iyihe kw’ishure (rup. 24 ing. 3; rup. 25 ing. 4-5)? Yoba yarahuye n’akosho kabi kavuye ku bandi (rup. 26 ing. 4-6)? Yoba agihura n’akosho k’urunganwe n’ubu amaze gukura? Ni igiki camufashije kunanira ako kosho k’urunganwe? Mu nsiguro ngufi yo gusozera ishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Myandagaro 1999, ku rupapuro rwa 24-25, nushire ahabona ivyiza biva ku kugira abagenzi beza.
Ururirimbo rwa 13 (124) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.