Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 28 Ruheshi 2004. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu bigabu vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 3 Rusama gushika ku ndwi itangura ku wa 28 Ruheshi 2004.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni ibiki bishobora gutuma tutavuga nk’abayaga canke twumvikana nk’abavuga mu buryo buri ku mategeko birenze, igihe turi ku mukiruruko? [be-RU rup. 179 ing. 4]
2. Ni kubera iki kuryohora ijwi ryacu atari ikibazo gusa co guhema neza be no kworosha imitsi yaranze? [be-RU rup. 181 ing. 2]
3. Igihe tubwira abandi ukuri kwa Bibiliya, ni intambwe ngirakimazi izihe dushobora gutera kugira ‘tube vyose kuri bose’ (1 Kor. 9:20-23)? [be-RU rup. 186 ing. 2-4]
4. Kwumviriza twitonze igihe turi mu busuku bwacu birimwo ibiki? [be-RU rup. 187]
5. Ni kubera iki bihambaye ko twubaha umuntu wese duhura mu busuku bwacu? [be-RU rup. 190]
IKIGABU NO. 1
6. Ni intumbero iyihe abatanga inyigisho ya gitewokarasi baba bafise, kandi ni ibiki bizodufasha kuyishikira (Mat. 5:16; Yoh. 7:16-18)? [be-RU rup. 56 ing. 3–rup. 57 ing. 2]
7. Ni kubera iki ari ngirakamaro guhushanya ikintu n’ikindi igihe umuntu ariko arigisha, kandi Yezu yakoresheje gute ubwo buryo bwo kwigisha? [be-RU rup. 57 ing. 3; rup. 58 ing. 2]
8. Mu buryo butandukanye n’Abafarizayo, ni gute ukwigisha kwa Yezu kwakora ku mutima abantu? [be-RU rup. 59 ing. 2-3]
9. Dushobora gute gufasha abo twigisha gushira mu ngiro ivyo biga tutarinze kubafatira ingingo? [be-RU rup. 60 ing. 1-3]
10. Dukwiye kwishura gute ibibazo abandi batubaza ku bijanye n’ibintu bisaba ko umuntu ubwiwe yifatira ingingo? [be-RU rup. 69 ing. 4-5]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Kwosa imibavu vyoba bifise ikibanza mu gusenga kw’ukuri muri iki gihe (Kuv. 30:37, 38)? [w03-RU 15/8 rup. 30]
12. Amahera yo gushigikira igikorwa cacu ava hehe (Kuv. 35:20-29)? [om-RU rup. 122]
13. Ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Abisirayeli bagaragaje ko bizeye mu kugamburuka itegeko rya Yehova riri muri Kuvayo 34:23, 24? [w98-RU 1/9 rup. 20]
14. Ikimazi c’ishimwe cari gifise intumbero iyihe (Lew. 3:1)? [w00-RU 1/9 rup. 9]
15. Ni igiki twigira ku ngingo ngenderwako ivugwa mu Balewi 16:4, 24, 26, 28 Yehova yari yarashiriyeho abaherezi ku bijanye n’isuku? [be-RU rup. 131]