Porogarama nshasha y’iteraniro ry’umuzunguruko
Muri ibi “bihe bigoye”, turakeneye ubwenge canke ubukerebutsi buva kuri Yehova kugira twemerwe na we kandi duheze tugumane ukwo kwemerwa (2 Tim. 3:1). Porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko yo mu mwaka w’umurimo wa 2005 izoturonsa impanuro be n’indemesho ngirakamaro uko izogenda iraca iryo n’ino umutwe-shimikiro uvuga ngo: “Nurongorwe n’ ‘ubwenge buva mw’ijuru’ ”.—Yak. 3:17.
Uruhererekane rwa mbere ruvuga ngo “Twerekane ‘ubwenge buva mw’ijuru’ mu buzima bwacu”, ruzodufasha gutahura ico bisobanura kuba abadahumanye, abanyamahoro, abagira ibitegereka be n’abakunda kugirwa inama. Umucungezi w’umuzunguruko azoca rero ashimika ku yindi mice itatu iranga ubwenge buva mw’ijuru. Umucungezi w’intara azosozera umusi wa mbere mu kwerekana ingene abasuku bakirisu, naho babonwa na bamwebamwe ko ari abantu ‘batize kandi basanzwe’, bafise ivyangombwa kugira batangaze ubwenge canke ubukerebutsi buva ku Mana.—Ivyak. 4:13, NW.
Ku musi ugira kabiri, uruhererekane rugira ngo “Dukurikire ibintu vyubaka”, ruzodufasha kumenya no kwirinda ibintu vyotuvuna intege mu vy’impwemu. Ruzotwereka kandi ingene twokomeza abandi ku makoraniro y’ishengero, mu busuku bwo mu ndimiro, be no mu muryango. Insiguro y’icese ivuga ngo “Ingene twungukira ku bwenge buva ku Mana”, izotuma turushiriza guha agaciro ivyiza turonka igihe dushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziva ku Mana mu buzima bwacu. Insiguro isozera ivuga ngo “Gukora twisunze ubwenge buva ku Mana biradukingira”, izokomeza umwiyemezo wacu wo guhindukirira Yehova kugira aduhe ubukerebutsi muri iyi misi y’iherezo.
Ikiringo kimwe usanga gihambaye cane ku materaniro yose, ni ukubatizwa kw’abigishwa bashasha. Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi vyo muri iyo ndwi na vyo nyene bizoshikirizwa kuri iyo porogarama. Yehova ashaka ko twese twungukira ku bwenge canke ku bukerebutsi atanga. Tuzokomezwa rwose mu buryo bw’impwemu n’impanuro be n’indemesho biturindiriye kw’iteraniro ryacu ry’umuzunguruko.—Imig. 3:13-18.