ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/04 rup. 5
  • Isubiramwo ry’iteraniro ry’umuzunguruko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ry’iteraniro ry’umuzunguruko
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Isubiramwo ry’umusi w’iteraniro ridasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Indinganizo nshasha yo gusubiramwo ivyo twigiye ku materaniro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Porogarama nshasha y’iteraniro ry’umuzunguruko
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Isubiramwo ry’iteraniro ry’umuzunguruko
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 8/04 rup. 5

Isubiramwo ry’iteraniro ry’umuzunguruko

Aya mayagwa azokoreshwa mu kwihweza imbere y’igihe no mu gusubiramwo porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko yo mu mwaka w’umurimo wa 2005. Ikiganiro kivuga ngo “Indinganizo nshasha yo gusubiramwo ivyo twigiye ku materaniro” kiri ku rupapuro rwa 2 rw’iyi nyongera, kirasigura ingene iryo subiramwo rizogenda. Mu gihe c’iryo subiramwo, muragabanganya umwanya neza ku buryo ibibazo vyose bibazwa. Iryo subiramwo rikwiye kwibanda ku kuntu twoshira mu ngiro amakuru yashikirijwe.

UMUSI WA MBERE: IKIRINGO CO MU GITONDO

1. Ni ibiki bizodufasha kwironsa ubwenge canke ubukerebutsi buva ku Mana?

2. Ni utwigoro utuhe abari mu muzunguruko bagize kugira bashikire abantu benshi kuruta babashiriye inkuru nziza?

UMUSI WA MBERE: IKIRINGO CO KU MUHINGAMO

3. Ni kubera iki bihambaye ko abakirisu baguma badahumanye mu bwenge no mu vy’impwemu? Ivyo bidusaba gukora iki?

4. Twokwerekana gute ko turi abanyamahoro ku bavukanyi bacu?

5. Bisobanura iki kugira ibitegereka, kandi twovyerekana gute mu kuntu dukoresha umwanya wacu?

6. Ni ibiki twigira ku karorero ka Sauli n’aka Nowa? Twokwerekana gute ko ‘dukunda kugirwa inama’ (Yak. 3:7)?

7. Abakirisu bokwirinda gute kugira ubuzima burimwo tubiri?

8. Twokwigana gute akarorero ka Paulo mu bijanye no gutangaza ubwenge canke ubukerebutsi buva ku Mana?

UMUSI WA KABIRI: IKIRINGO CO MU GITONDO

9. Ni kubera iki dutegerezwa kwiyubara igihe duhitamwo ibikorwa twokora, kandi ni ibiki bizodufasha kubigenza gutyo?

10. Ni utwigoro utuhe abari mu muzunguruko bariko baragira kugira bitabe amakoraniro badahorereza, kandi vyabagiriye akamaro gute?

11. Ba serugo boshobora gute gukomeza ingo zabo?

12. Ni ibiki twamenyeshejwe ko bikenewe mu muzunguruko?

UMUSI WA KABIRI: IKIRINGO CO KU MUHINGAMO

13. Nk’uko vyavuzwe mu nsiguro y’icese, ni ibihe bikorwa bigororotse vyaranguwe n’ubwenge canke ubukerebutsi buva mw’ijuru?

14. Ni kubera iki ari ibiranga ubupfu kwiyizigira ubwacu canke kwizigira abatarongorwa n’ubwenge canke ubukerebutsi buva ku Mana? Ni mu yihe mice dukeneye kwiyubara?

15. Ubwenge canke ubukerebutsi buva mw’ijuru buturinda iyihe mitego?

16. Ni kubera iki bihambaye ko dushira mu ngiro impanuro zatanzwe kw’iteraniro ry’umuzunguruko?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika