Isubiramwo ry’umusi w’iteraniro ridasanzwe
Aya mayagwa azokoreshwa mu kwihweza imbere y’igihe no mu gusubiramwo porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe yo mu mwaka w’umurimo wa 2005. Ikiganiro kivuga ngo “Indinganizo nshasha yo gusubiramwo ivyo twigiye ku materaniro” kiri ku rupapuro rwa 2 rw’iyi nyongera, kirasigura ingene iryo subiramwo rizogenda. Mu gihe c’iryo subiramwo, muragabanganya umwanya neza ku buryo ibibazo vyose bibazwa. Iryo subiramwo rikwiye kwibanda ku kuntu twoshira mu ngiro amakuru yashikirijwe.
IKIRINGO CO MU GITONDO
1. Ni kubera iki birushiriza kuba nkenerwa ko twumviriza Yehova? Kwumviriza bisobanura iki? (“Igituma twokwumviriza ijwi rya Yehova”)
2. Imiryango yoshobora gute kugumana urutonde rwiza rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu? (“Imiryango yumviriza Ijambo ry’Imana ata gusamara”)
3. Abo mu muzunguruko bungukiye neza gute ku turyo baronka two gushinga intahe akaryo kizanye? (“Dukore vyose ku bw’ukuninahaza Imana”)
4. Ni ivyigwa ibihe dushobora gukura ku karorero katuburira dusanga mu Baheburayo ikibane ca 3 n’ica 4? Yehova ariko atuvugisha gute muri iki gihe? (“Kwumviriza igihe Yehova avuga biraturinda”)
5. Wungukiye gute ku nsiguro y’ibatisimu? (“Kwiyegurira Imana no kubatizwa”)
IKIRINGO CO KU MUHINGAMO
6. Ni igiki dushobora kubona ku vyerekeye Yezu igihe yari akiri muto, kandi urwaruka rwo mu muzunguruko ruriko rwigana gute akarorero kiwe? (“Ingene urwaruka rwacu rukomezwa no kwumviriza Ijambo ry’Imana rwitonze”)
7. Uburyo bumwebumwe abavyeyi bokoresha mu gutangura kumenyereza abana batoyi be n’imiyabaga mu nzira za Yehova ni ubuhe? (“Abana batoyi bumviriza Imana maze bakiga”)
8. Ni mu mice iyihe dukeneye gutega yompi Yehova, Umwana wiwe, be na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (Mat. 24:45, NW)? Ni kubera iki bihambaye ko tubatega yompi? (“Nugume utega yompi inyigisho iva ku Mana”)