Indinganizo nshasha yo gusubiramwo ivyo twigiye ku materaniro
Uko isi ya Shetani irushiriza kwononekara, Yehova aradukomeza kugira ‘twikunkumure ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’isi, twame tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none’ (Tito 2:12). Mu ntunganyo adushiriraho biciye kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”, harimwo porogarama iba uko umwaka utashe y’iteraniro ry’umuzunguruko be n’iy’umusi w’iteraniro ridasanzwe (Mat. 24:45, NW). Ese ukuntu iyo mitororokano yo mu vy’impwemu idukomeza!
Kugira ngo dufashwe kwibuka no gushira mu ngiro inyigisho turonka, hari indinganizo nshasha yo gusubiramwo ivyo twigiye kuri ayo materaniro izokoreshwa mu mwaka w’umurimo wa 2005. Urupapuro rwa 5-6 rw’iyi nyongera ruriko ibiganiro bitwereka imbere y’igihe ibizoshikirizwa be n’ibibazo vy’isubiramwo vya porogarama y’umusi umwumwe wose. Amashengero azokwihweza ayo makuru kw’Ikoraniro ry’umurimo, gatoya imbere y’uko bitaba amateraniro be n’inyuma y’aho gatoya. Uti none ivyo bizotunganywa gute?
Hagisigaye indwi imwe canke zibiri ngo ishengero ryitabe iteraniro ry’umuzunguruko, kw’Ikoraniro ry’umurimo hazoshikirizwa insiguro y’iminuta cumi yo kutuvyurira igishika c’iyo porogarama. Iyo nsiguro izoba ishingiye ku kiganiro kuvuga ngo: “Porogarama nshasha y’iteraniro ry’umuzunguruko”. Umushikirizansiguro azokwongera ashimike ku bibazo vy’isubiramwo, yongere aremeshe bose kugira utwo banditse mu kwitegurira isubiramwo rizokurikira haciye indwi nka zingahe iryo teraniro ribaye.
Haciye indwi nkeya inyuma y’iteraniro, kw’Ikoraniro ry’umurimo hazoba isubiramwo rimara iminuta 15 rishingiye kuri porogarama y’umusi wa mbere w’iteraniro. Ku ndwi izokurikira, iminuta 15 izokoreshwa mu gusubiramwo porogarama yo ku musi ugira kabiri. Ivyo biganiro bizoba bishingiye ku bibazo vy’isubiramwo biri muri iyi nyongera. Iryo subiramwo rikwiye gushimika ku gaciro ngirakimazi k’ayo makuru. Abakurambere boshobora kuringaniza yuko hagira ibigabu bishikirizwa muri make, ivyo bakuramwo, canke bakagira urutonde rushasha rw’ibindi bigabu vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo kugira ngo baronke umwanya wo kugira ayo masubiramwo.
Bizogenda nk’ukwo nyene no ku vyerekeye porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe, kiretse ko hazoba ikigabu kimwe c’iminuta 15 yo gusubiramwo iyo porogarama yose. Twese twoshima kubika neza iyi nyongera no kuzoyikoresha kugira twungukire bimwe bishitse ku nyigisho nziza Yehova atanga.—Yes. 48:17, 18.