Isubiramwo ry’iteraniro ry’umuzunguruko
Aya mayagwa azokoreshwa mw’Ikoraniro ry’umurimo imbere gatoyi y’uko ishengero ryitaba iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2006, be n’inyuma yaryo gatoyi. Umucungezi muhagarikizi azotunganya ivyo kwihweza ayo mayagwa nk’uko vyerekanwa mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Myandagaro 2004, ku rupapuro rwa 2. Mu gihe c’isubiramwo, ibibazo vyose bikwiye kubazwa, hagashimikwa ku kuntu twoshira mu ngiro amakuru yashikirijwe.
UMUSI WA MBERE
1. Twambara gute wa muntu musha, kandi ni kubera iki dutegerezwa kuguma tumwambaye?
2. Bamwebamwe bongereje gute uruhara bagira mu gikorwa co kwamamaza?
3. Ni kubera iki dukwiye kwirinda kwigereranya n’abandi?
4. Abagize umuryango bwokwerekana gute ko bambaye wa muntu musha mu muryango?
5. Twokwerekana gute yuko dushigikira ishengero tudahemuka?
6. Ni kubera iki dukwiye kwerekana ko twambaye wa muntu musha mu busuku bwo mu ndimiro?
7. Ukuzirikana kubereye kurimwo ibiki, kandi ukuzirikana mwene ukwo kutwungura gute?
8. Ni kamere izihe zizotuma tworoha Yehova ariko aratubumbabumba?
UMUSI WA KABIRI
9. Ni kubera iki bihambaye ko dukoresha ururimi rwacu neza?
10. Ni ivyiza ibihe biva ku gukoresha imvugo nziza igihe tuganira n’abo dukorana, abo twigana hamwe n’abandi?
11. Twoshira mu ngiro gute impanuro Paulo yatanze iri mu Banyefeso 4:25-32 mu migenderanire tugiranira n’abo dusangiye ukwizera?
12. Ni ubuhe buryo bwiza kuruta ubundi bwo gukoresha ururimi rwacu?
13. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuneshe wa mubi?
14. Ni mu yihe mice dukwiye kwihata kugira ngo tugume tutandujwe n’isi?
15. Ni kubera iki dutegerezwa kuryohora umuntu wacu w’imbere ku musi ku musi, kandi twobigira gute?
16. Ni impanuro iyihe wakuye kw’iteraniro ry’umuzunguruko ryo muri uyu mwaka, utegekanya gushira mu ngiro?