ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/06 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 1/06 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Kig.

“Iyo abantu bumvise ijambo ‘Harumagedoni’, abatari bake baca babona ugusasika inganda kw’agacamutima. [Numwereke uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 3.] None ntivyogutangaza kumenya ko Harumagedoni mu vy’ukuri ari kimwe mu bintu vyiza vyodushikira? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma”. Soma 2 Petero 3:13.

Réveillez-vous! 8 Kig.

“Nagomba kukubarira ivyerekeye igihe umuntu wese azoba afise aho kuba heza. Ntibibabaje none kubona hari abantu benshi batagira aho bakika umusaya? [Rindira yishure, uce usoma Yesaya 65:21, 22.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ibituma abantu babura aho bakika umusaya. Kirasigura kandi ingene Imana izoshitsa ivyo bintu yasezeranye duhejeje gusoma”.

Umunara w’Inderetsi 15 Kig.

“Abantu benshi bararazwa ishinga n’ukuntu imisi mikuru irangiza umwaka yacitse iyirangwa n’ukwicira ifaranga. Woba wibaza ko iyo misi mikuru yataye intumbero yayo nyamukuru? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirarimbura ingene imigenzo ijanye n’iyo misi mikuru yagiye irahindagurika. Kiraca irya n’ino kandi ingene mu vy’ukuri dushobora gutera iteka Imana na Kirisitu”. Soma Yohana 17:3.

Réveillez-vous! 22 Kig.

“Haraciye hafi imyaka 85 indwara imwe y’akaranda yishe abantu benshi mu mayinga 24 gusumba abo SIDA imaze kwica mu myaka 24. Bamwe iyo ndwara bayita ikiza ruhonyanganda kitari bwigere gitera. Woba yarumvise ivyerekeye inyonko yitiriwe iya Esupanye? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana nimba ikintu nk’ico gishobora gusubira gutera. Kiratanga kandi imvo yotuma umuntu agira icizigiro”. Soma Yesaya 33:24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika