Amatangazo
◼ Ntwarante: Nihashikirizwe ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Nihagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Nihashikirizwe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Mu gihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, ushizemwo abitaba Icibutso be n’izindi porogarama za gitewokarasi canke abitaba izo zindi uretse Icibutso, mugabo bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwihatire gushikiriza ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Intumbero ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana muri ico gitabu. Ruheshi: Nihashikirizwe ca gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba hagize abavuga ko badafise abana, nihashikirizwe igitabu Ubumenyi. Nihagirwe akigoro ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana.
◼ Kubera yuko ukwezi kwa Ndamukiza kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Icibutso kizohimbazwa ku wa gatatu igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2006. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira amakoraniro ku musi wa gatatu, ayo makoraniro akwiye kwimurirwa ku wundi musi wo muri iyo ndwi nimba Ingoro y’Ubwami izoba ishobora gukoreshwa. Ivyo nimba bidashoboka kandi Ikoraniro ry’umurimo rikaba ridashobora kugirwa, ibihimba vyaryo vyerekeye canecane ishengero ryanyu mushobora kuzovyongera ku rindi Koraniro ry’umurimo.
◼ Amashengero akimara kuronka inomero za vuba cane z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, akwiye guca azishira ahabona kugira ngo abagize ishengero bazironse. Ivyo bizotuma abamamaji bamenya ibiri muri izo nomero imbere yo kuzishikiriza mu murimo wo mu ndimiro. Igikorwa dukorera Ubwami na co nyene gikwiye kuronswa abamamaji kikimara gushika. Coshobora gutangirwa ku Nyigisho y’igitabu y’ishengero.
◼ Ya videwo ivuga ngo “Noé:il marchait avec Dieu” (Nowa yagendana n’Imana) izokwihwezwa kw’Ikoraniro ry’umurimo rimwe ryo muri Rusama aho ishobora kuboneka. Nimba bikenewe, amakaseti y’iyo videwo yoshobora gusabwa n’ishengero vuba bishoboka.
◼ Ibiro v’ishami ntibirungikira umwamamaji ku giti ciwe ibisohokayandikiro yoba yasavye. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko itangazo rishikirizwa ku kwezi ku kwezi imbere y’uko urukaratasi rwo gusabirako ibisohokayandikiro vy’ishengero ku kwezi ku kwezi rurungikwa ku biro, kugira ngo abipfuza kuronka ibisohokayandikiro ku gatwe kabo bose bashobore kwegera umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabasavye mugume mwibuka ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.