Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
Ihimbazwa ry’Icibutso uyu mwaka rizohurirana no ku wa gatatu, igenekerezo rya 12 Ndamukiza. Abakurambere bakwiye kwitwararika ibi bintu bikurikira:
◼ Mu gushinga igihe iryo koraniro rizoberako, murarabe neza ibimenyetso ntibizotemberezwe imbere y’uko izuba rirenga.
◼ Umuntu wese, dushizemwo n’uwuzoshikiriza insiguro, akwiye kumenyeshwa neza na neza isaha iryo himbazwa rizoberako n’aho rizobera.
◼ Umukate be n’umuvinyu bibereye bikwiye kuba vyabonetse kandi vyateguwe.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2003, rup. 14-15 be n’ikete ryo ku wa 23 Kigarama 2003.
◼ Amasahani, ibirahuri, imeza be n’igitambara c’imeza bibereye, bikwiye kuba vyazanywe ku ngoro bigashirwa mu kibanza cavyo hakiri kare.
◼ Ingoro y’Ubwami canke ikindi kibanza kiberamwo iryo koraniro bikwiye kuba vyasukuwe bimwe binogangije imbere y’igihe.
◼ Abakira abantu n’abatembereza ibimenyetso bakwiye gucagurwa kandi bagasigurirwa hakiri kare ivyerekeye ibikorwa bashinzwe, uburyo bubereye bw’ukubirangura be n’ivy’uko bakeneye kwambara no kwitunganya mu buryo buranga urupfasoni.
◼ Hakwiye kugira ibiringanizwa kugira ngo nimba hari abo mu basizwe bafise ingorane z’amagara badashobora kuhashika, mubashire ibimenyetso.
◼ Igihe hari amashengero menshi azosangira Ingoro y’Ubwami imwe, ibintu bikwiye kuyoborwa neza hagati y’ayo mashengero kugira ngo birinde umurundano udakenewe mu rwinjiriro, mu mabarabara yegereye Ingoro be n’ahahagarikwa imiduga.