Ivyibukijwe ku Vyerekeye Icibutso
Ihimbazwa ry’Icibutso uyu mwaka rihurirana n’umusi wa Kane, igenekerezo rya 28 Ntwarante. Abakurambere bakwiye kwitwararika ibi bintu bikurikira:
◼ Mu gushinga igihe iryo koraniro rizoberako, murarabe neza ibimenyetso ntibizotemberezwe imbere y’uko izuba rirenga.
◼ Umuntu wese, dushizemwo n’uwuzoshikiriza insiguro, akwiye kumenyeshwa neza na neza isaha iryo himbaza rizoberako n’ahantu rizobera.
◼ Umukate be n’umuvinyu bibereye bikwiye kuba vyabonetse kandi vyateguwe.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1985, urupapuro rwa 19.
◼ Amasahani, ibirahuri, imeza be n’igitambara c’imeza bibereye bikwiye kuba vyazanywe ku ngoro bigashirwa mu kibanza cavyo hakiri kare.
◼ Ingoro y’Ubwami canke ikindi kibanza kiberamwo iryo koraniro bikwiye kuba vyasukuwe bimwe binogangije imbere y’igihe.
◼ Abakira abantu n’abatembereza ibimenyetso bakwiye gucagurwa kandi bagasigurirwa hakiri kare ivyerekeye ibikorwa bashinzwe, uburyo bubereye bw’ukubirangura be n’uko hakenewe kwambara no kwitunganya mu buryo buranga urupfasoni.
◼ Hakwiye kugira ibiringanizwa kugira ngo nimba hari abo mu basizwe bamugaye kandi badashobora kuhashika mubashire ibimenyetso.
◼ Igihe hari amashengero menshi azosangira Ingoro y’Ubwami imwe, ibintu bikwiye kuyoborwa neza hagati y’ayo mashengero kugira ngo birinde umurundano udakenewe mu ngoro canke mu rwinjiriro, mu mabarabara ayegereye n’ahahagarikwa imiduga.