ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/01 rup. 7
  • Ivyibukijwe Vyerekeye Icibutso

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyibukijwe Vyerekeye Icibutso
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Ivyibukijwe ku Vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 3/01 rup. 7

Ivyibukijwe Vyerekeye Icibutso

Ihimbazwa ry’Icibutso uyu mwaka rihurirana no ku w’Iyinga igenekerezo ry’8 Ndamukiza. Abakurambere bakwiye kwitwararika ibi bintu bikurikira:

◼ Mu gushinga igihe iryo koraniro rizoberako, murarabe neza ibimenyetso ntibizotemberezwe imbere y’uko izuba rirenga.

◼ Umuntu wese, dushizemwo n’uwuzoshikiriza insiguro, akwiye kumenyeshwa isaha nyayo iryo himbaza rizoberako n’ahantu rizobera.

◼ Umukate be n’umuvinyu bibereye bikwiye kuba vyabonetse kandi vyateguwe.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1985, urupapuro rw’19.

◼ Amasahani, ibirahuri, imeza be n’igitambara c’imeza bibereye bikwiye kuba vyazanywe ku ngoro bigashirwa mu kibanza cavyo hakiri kare.

◼ Ingoro y’Ubwami canke ikindi kibanza c’iryo koraniro bikwiye kuba vyasukuwe bikanozwa imbere y’igihe.

◼ Abakira abantu n’abatembereza ibimenyetso bakwiye gucagurwa kandi bagasigurirwa hakiri kare ivyerekeye ibikorwa bashinzwe hamwe n’uburyo bubereye bw’ukubirangura.

◼ Hakwiye kugira ibiringanizwa kugira ngo nimba hari abo mu basizwe bamugaye kandi badashoboye kuhashika babashire ibimenyetso.

◼ Igihe hari amashengero menshi azosangira Ingoro y’Ubwami imwe, ibintu bikwiye kuyoborwa neza hagati y’ayo mashengero kugira ngo birinde umurundano udakenewe mu ngoro, mu rugo, n’ahahagarikwa imiduga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika