Urukundo Ruradusunikira ku Kwamamaza
1 Bwa Vyabona vya Yehova, turazwi neza kuruta ku vy’uko turi abamamaji b’abanyamwete b’ubutumwa bw’Ubwami. (Mat. 24:14) Abarenga imiliyoni zitandatu ni abanyamwete kw’isi yose; abashasha bariyongera igihe bifatanya natwe mu kwamamaza. Ibitigiri bishirwa hamwe hishimikijwe abagira uruhara muri ico gikorwa.
2 Ni igiki kituvyurira umutima wo gukora tuvyishakiye igikebere nk’ico kitoroshe? Ntitugoberwa, ntidukwegwakwegwa n’inyungu z’ivy’umubiri, canke ivy’ukuronka ivyubahiro bidasanzwe. Mu ntango, benshi muri twebwe baratewe ubwoba kubera twiyumvamwo ko tutabikwiye kandi kenshi abantu bavyakira mu buryo bubi. (Mat. 24:9) Abatwitegereza benshi kuruta ntibashobora gutahura ikintu kituvyurira uwo mutima. Hategerezwa kuba hari imvo itugobera ngo dukomere ku muheto.
3 Ububasha bw’Urukundo: Yezu yaragenekereje ibwirizwa rikuru muri yose igihe yavuga yuko ‘dutegerezwa gukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’ubwenge bwacu bwose, n’inkomezi zacu zose.’ (Mrk. 12:30) Urukundo dukunda Yehova rushinze imizi mu nyiyumvo zigera ibwina z’ugushima uwo ari we n’ico ari co—Umutware Segaba, Umuremyi w’ibintu vyose, ‘abereye guhabwa ukuninahazwa, icubahiro, n’ububasha.’ (Ivyah. 4:11) Kamere ziwe zitangaje ni ntangere.—Kuv. 34:6, 7.
4 Ukumenya Yehova n’ukumukunda bidusunikira ku kureka ngo umuco wacu wakire abantu. (Mat. 5:16) Umuco wacu uraka igihe tumushemeza ku mugaragaro, tukavuga ivyerekeye ibikorwa vyiwe vyiza igitangaza, n’igihe dukwiragiza ubutumwa bwerekeye Ubwami bwiwe. Nka kumwe kwa wa mumarayika yatiriye ijuru, turafise “ubutumwa bgiza butazoshira [“bwa makuru y’akamwemwe,” NW] bgo kubarira . . . amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.” (Ivyah. 14:6) Urukundo dufise ni yo nguvu ishigikira ico gikorwa c’ukwamamaza kw’isi yose.
5 Isi ibona ukwamamaza kwacu nk’ “ubupfu” budakwiye kwitwararikwa. (1 Kor. 1:18) Utwigoro twaragizwe kw’isi yose kugira ngo igikorwa cacu gihagarikwe. Urukundo rwacu rudahemuka rwaradukomeje ngo tuvuge, nk’uko intumwa zabigenjeje: “[Ntidu]shobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise. . . . Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.” (Ivyak. 4:20; 5:29) Igikorwa c’ukwamamaza kibandanya gukwira mu mihingo yose y’isi naho kirwanywa.
6 Urukundo dukunda Yehova ni nk’umuriro waka utugobera kuvuga ivy’ishimwe ryiwe. (Yer. 20:9; 1 Pet. 2:9) Tuzobandanya “[k]wamamaz[a] ibikorwa vyiwe mu mahanga . . . kuko yakoze ivyiza bihambaye”!—Yes. 12:4, 5.