ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/04 rup. 3
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyibukijwe ku Vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 3/04 rup. 3

Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso

Ihimbazwa ry’Icibutso uyu mwaka rizohurirana no ku w’iyinga, igenekerezo rya 4 Ndamukiza. Abakurambere bakwiye kwitwararika ibi bintu bikurikira:

◼ Mu gushinga igihe iryo koraniro rizoberako, murarabe neza ibimenyetso ntibizotemberezwe imbere y’uko izuba rirenga.

◼ Umuntu wese, dushizemwo n’uwuzoshikiriza insiguro, akwiye kumenyeshwa neza na neza isaha iryo himbazwa rizoberako n’aho rizobera.

◼ Umukate be n’umuvinyu bibereye bikwiye kuba vyabonetse kandi vyateguwe.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2003, urupapuro rwa 14-15.

◼ Amasahani, ibirahuri, imeza be n’igitambara c’imeza bibereye, bikwiye kuba vyazanywe ku ngoro bigashirwa mu kibanza cavyo hakiri kare.

◼ Ingoro y’Ubwami canke ikindi kibanza kiberamwo iryo koraniro bikwiye kuba vyasukuwe bimwe binogangije imbere y’igihe.

◼ Abakira abantu n’abatembereza ibimenyetso bakwiye gucagurwa kandi bagasigurirwa hakiri kare ivyerekeye ibikorwa bashinzwe, uburyo bubereye bw’ukubirangura be n’uko bakeneye kwambara no kwitunganya mu buryo buranga urupfasoni.

◼ Hakwiye kugira ibiringanizwa kugira ngo nimba hari abo mu basizwe bafise ingorane z’amagara badashobora kuhashika, mubashire ibimenyetso.

◼ Igihe hari amashengero menshi azosangira Ingoro y’Ubwami imwe, ibintu bikwiye kuyoborwa neza hagati y’ayo mashengero kugira ngo birinde umurundano udakenewe mu ngoro canke mu rwinjiriro, mu mabarabara ayegereye be n’ahahagarikwa imiduga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika