“Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza”
1 Abakirisu bose bategerezwa guhangana n’ibigeragezo (2 Tim. 3:12). Ibigeragezo vyoshobora kuza ari amagara make, ingorane mu vy’ubutunzi, inyosha mbi, uruhamo canke bikaza mu bundi buryo bwinshi. Ibigeragezo Shetani aduteza nta kindi biba bishaka gushikako atari ukuduca inkokora, ugutuma dufata minenegwe ubusuku bwacu bwa gikirisu, canke mbere bigatuma duhagarika gukorera Imana (Yobu 1:9-11). Kwihanganira ibigeragezo bishikana gute ku kugira agahimbare?—2 Pet. 2:9.
2 Niwitegurire ibigeragezo: Yehova yaratanze Ijambo ryiwe ry’ukuri, ririmwo inkuru y’ubuzima bwa Yezu n’inyigisho ziwe. Igihe duteze yompi ivyo Yezu avuga kandi tukabikora, tuba dushinze umushinge ukomeye, gutyo tukaba twiteguriye amakuba (Luka 6:47-49). Turaronka kandi inkomezi biciye mu bundi buryo, nko ku bavukanyi bacu bakirisu, ku makoraniro y’ishengero be no ku bitabu bishingiye kuri Bibiliya bitangwa na wa mugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge. Turikora uko dushatse ku ngabirano y’isengesho Imana yaduhaye.—Mat. 6:13.
3 Yehova kandi yaraduhaye icizigiro. Igihe twizeye bimwe bikomeye ivyo Yehova yasezeranye, icizigiro cacu gica kiba nk’ “inanga y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga” (Heb. 6:19, NW). Mu bihe vya Bibiliya, amato ntiyigera ava ku kivuko atagira inanga, mbere n’igihe ikirere caba cifashe neza. Igihe hadutse igihuhusi bukwi na bukwi, gukororera inanga mu mazi vyarashobora kubuza ubwato kwiseka ku gitandara co ku nkengera y’ikiyaga. Mu buryo nk’ubwo nyene, muri iki gihe twizeye bimwe bikomeye ivyo Imana yasezeranye, bizotuma tutanyiganyiga nihaduka ingorane zimeze nk’ibihuhusi. Ingorane zirashobora kwaduka bukwi na bukwi. Naho igikorwa co kwamamaza Paulo na Barunaba barangura cakiriwe neza mu ntango i Lusitira, ibintu vyarahindutse bukwi na bukwi igihe hashika Abayuda babarwanya.—Ivyak. 14:8-19.
4 Ukwihangana kurazana umunezero: Kuguma dushikamye mu busuku naho boba baturwanya, biratuma tugira amahoro yo mu mutima. Turanezerwa igihe twemerewe guteterezwa ku bwa Kristu (Ivyak. 5:40, 41). Kwihanganira ibigeragezo biradufasha gutsimbataza bimwe vyuzuye kamere y’ukwicisha bugufi, y’ukugamburuka n’iyo kwihangana (Gus. 8:16; Heb. 5:8; Yak. 1:2, 3). Biratwigisha kwiheka kuri Yehova, kwizigira ivyo yasezeranye no kumuhungirako.—Imig. 18:10.
5 Turazi ko ibigeragezo ari ivy’igihe gito (2 Kor. 4:17, 18). Ibigeragezo biraturonsa uturyo two kwerekana aho tugeza mu gukunda Yehova. Twihanganiye ibigeragezo, turashobora gutanga inyishu ku birego vya Shetani. Ni co gituma tudateshwa ngo dute. “Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubu[zima]”.—Yak. 1:12.