Isubiramwo ryo mw’ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 25 Ruhuhuma 2008. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 7 Nzero gushika ku ndwi itangura ku wa 25 Ruhuhuma 2008.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni igiki dukeneye gukora kugira ngo dufashe abatwumviriza gutegera insobanuro y’ivyanditswe, kandi ni kubera iki dukwiye kubigira? [be rup. 228 ing. 2-3]
2. Ni kubera iki bihambaye ko ibiganiro dushikiriza bigira ico vyigishije abatwumviriza, kandi ivyo twobishikako gute? [be rup. 230 ing. 3-5, uruzitiro]
3. Ni mu buryo butandukanye ubuhe kugira ubushakashatsi bishobora gutuma ibiganirio dushikiriza birushiriza kuba ivyigisha? [be rup. 231 ing. 1-3]
4. Ni igiki dushobora gukora kugira ngo uburyo dukoresha ivyanditswe bisanzwe bimenyerewe burushirize kugira ico bwigishije? [be rup. 231 ing. 4-5]
5. Ni kubera iki bihambaye ko tuzirikana n’abantu ku vyanditswe tuba twasomye? [be rup. 232 ing. 3-4]
IKIGANIRO NO. 1
6. Ni igiki cerekana ko igitabu ca Matayo cari candikiwe ahanini Abayuda? [bsi08-1 rup. 4 ing. 6-7]
7. Twoshobora gute gutegura imitima yacu kugira ngo twakire amacishabwenge Imana iduha biciye ku mushikirizansiguro? (2 Ngo. 20:33) [be rup. 13 ing. 4–rup. 14 ing. 5]
8. Ni igiki abavyeyi bashobora gukora kugira ngo bigishe abana babo kuba “inkerebutsi ku bw’ubukiriro”? (2 Tim. 3:15) [be rup. 16 ing. 3-4]
9. Injili ya Matayo ishira ahabona gute ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse? [bsi08-1 rup. 5 ing. 32]
10. Mu gihe Injili ya Matayo idondora Yezu ko ari we Mesiya yari yarasezeranywe akaba n’Umwami, Injili ya Mariko yo imudondora gute? [bsi08-1 rup. 7 ing. 7-8]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Gushavurira umuntu vyoba ari bibi kuruta kumubikira inzika? (Mat. 5:21, 22) [w08 15/1 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Matayo”]
12. Abakirisu bagumana gute ‘ijisho riremuruye’? (Mat. 6:22, 23) [w06 1/10 rup. 29]
13. Yezu yariko ashira ahabona iki igihe yabaza abigishwa biwe ati: “None mwategereye ico ivyo bintu vyose bisobanura?” (Mat. 13:51, 52) [w08 15/1 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Matayo”]
14. Ni kubera iki akenshi Yezu yasaba abo yaba yakijije ngo “ntibakwiragize ivyiwe”? (Mat. 12:16) [cl rup. 93-94]
15. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ibijanye n’ “ingero” umuntu ‘ageresha’? (Mrk. 4:24, 25) [gt ikig. 43]