Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 10 Ntwarante
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma na Réveillez-vous! yo muri Ruhuhuma biri kumwe n’agapapuro k’ubutumire bw’Icibutso.
Imin. 20: Ni kubera iki twokwitaba amakoraniro? Insiguro no guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2007, urupapuro rwa 11-13. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu kwitaba amakoraniro y’ishengero vyabagiriye akamaro, bavuge n’ukuntu batsinze intambamyi kugira ngo bitabe amakoraniro badahorereza.
Imin. 15: “Turashobora kugira ico duhaye Yehova.”a Nimba umwanya ubibakundiye, nimusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo.
Indwi itangura ku wa 17 Ntwarante
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abumviriza kuza bazanye Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma na Réveillez-vous! yo muri Ruhuhuma kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi ikurikira, wongere ubibutse kuba biteguriye kuvuga uburyo bwo gushikiriza inkuru nziza bubereye mu cibare canyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.
Imin. 15: Inyishu ku bibazo vyanyu. Gishikirizwe n’umukurambere. Nimusome ico kiganiro cose mwongere mukiganireko.
Imin. 20: “Twofasha gute abazokwitaba Icibutso?”b Igihe murimbura ingingo ya 5, nimugire umwerekano mugufi werekana ukuntu hotanguzwa inyigisho ya Bibiliya ku muntu yari yitavye Icibutso.
Indwi itangura ku wa 24 Ntwarante
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse.
Imin. 15: Twitegurire gushikiriza ibinyamakuru bishikirizwa mu kwezi tuba turimwo. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Umaze kuvuga incamake y’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma na Réveillez-vous! yo muri Ruhuhuma, nusabe abumviriza bavuge ibiganiro vyoshimisha abantu bo mu cibare be n’igituma babona ko vyobashimisha. Nubasabe kandi batange ivyiyumviro bakoresheje ibiganiro bimwebimwe bategekanya kuzokwerekana. Ni ikibazo ikihe coshobora gukoreshwa mu gutanguza ikiyago? Ni icanditswe ikihe co mu kiganiro coca gisomwa? Mukoresheje uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru bwatanzwe bubereye mu cibare canyu, nimugire umwerekano w’ingene Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma na Réveillez-vous! yo muri Ruhuhuma vyoshikirizwa.—Raba inama zatanzwe ku rupapuro rwa 8.
Imin. 20: Tuzana inkuru nziza z’ivyiza. Umukurambere ahejeje intangamarara itarenza umunuta umwe, nashikirize insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2005 urupapuro rwa 18-19, ingingo ya 10-14. Nasabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu ubutumwa bw’Ubwami bwabahumurije igihe babwumva ari bwo bwa mbere bwongera buratuma bagira icizigiro.
Indwi itangura ku wa 31 Ntwarante
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ntwarante.
Imin. 20: Nimwihweze “Ikete rivuye ku Nama Nyobozi.” Nusabe hagire abantu babiri canke batatu bo mu bumviriza bigana icabonywe kiri muri Annuaire ya vuba, cabaye ikiremesha canecane kuri bo. Nuringanize imbere y’igihe ivy’uko hagira umuntu umwe canke babiri bavuga ukuntu bagize urutonde rwo kwisomera Annuaire.
Imin. 15: “Turemeshanye igihe turi mu busuku.”c
Indwi itangura ku wa 7 Ndamukiza
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 20: Ni igiki gituma wigiza inyuma ivy’ukubatizwa? Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2006, ku rupapuro rwa 29-30, ingingo ya 14-17. Cishamwo ikiganiro kigufi co kubaza ibibazo umwamamaji umwe canke babiri babatijwe bakiri imiyabaga. Ni igiki cabavyuriye umutima wo gutera iyo ntambwe ihambaye bakiri bato? Ni gute ibatisimu baronse yabafashije gutera imbere bakaba abahumuye mu vy’impwemu, ivyo na vyo bikaba ari uburinzi?
Imin. 15: Woba waragerageje kuganiriza abantu mu buryo burashe? Insiguro no guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002, ku rupapuro rwa 6. Nimwihweze uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa be n’ukuntu bwohindurwa mu gutanguza inyigisho za Bibiliya mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Nimuce mugira umwerekano umwe canke ibiri. Nuremeshe abumviriza kugerageza n’imiburiburi rimwe, mu ndwi ikurikira, gutanguza inyigisho ya Bibiliya mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha bakoresheje ubwo buryo burashe.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.