Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 16 RUHUHUMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl rup. 177 ing. 19–rup. 178 ing. 23 be n’uruzitiro
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 29-31
No. 1: Itanguriro 29:1-20
No. 2: Igituma dukwiye ‘kureka kwiganyira’ (Mat. 6:25)
No. 3: Ukugamburuka kuragukingira (lr ikig. 7)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: “ ‘Dukore vyose ku bw’inkuru nziza.’ ” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
Imin. 15: Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri iki kiringo c’Icibutso? Insiguro irimwo igishika ishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nimwihweze ibisabwa kugira ngo umuntu abe umutsimvyi wo gufasha. Niwerekane ivyiza be n’imihezagiro biva mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Nusigure indinganizo zagizwe aho iwanyu ku bw’amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro yiyongereye muri Ntwarante, Ndamukiza be na Rusama. Nubaze ibibazo abamamaji babiri canke batatu bakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu mwaka uheze. Ni ibiki bahinduye mu rutonde rw’ivyo basanzwe bakora? Ni imihezagiro iyihe bironkeye? Nuremeshe umuryango umwumwe wose urimbure ukuntu umwe mu bawugize canke abarenga bokora ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’Icibutso cegereje.