Kwamamaza biratuma tuguma dukomeye mu vy’impwemu
1. Igikorwa co kwamamaza kidufitiye akamaro akahe?
1 Kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza birashobora kudukomeza mu vy’impwemu bikongera bigatuma turushiriza kugira agahimbare. Ariko ntiwumve, ahanini tuja mu busuku kugira duhimbare Yehova. Yamara rero, tugamburutse itegeko ridusaba ‘kwamamaza rya jambo,’ turaronka imihezagiro ya Yehova tukongera tukavyungukirako mu bundi buryo butandukanye. (2 Tim. 4:2; Yes. 48:17, 18) Ni gute none kwamamaza bishobora kudukomeza bikongera bigatuma tugira agahimbare?
2. Ubusuku budukomeza mu buryo butandukanye ubuhe?
2 Turakomezwa tukongera tugahezagirwa: Kwamamaza biratuma twitwararika cane ivyiza bizozanwa n’Ubwami aho kwitwararika ingorane turimwo ubu. (2 Kor. 4:18) Igihe dusigura inyigisho zo muri Bibiliya biratuma turushiriza kwizera ivyo Yehova yasezeranye bikongera bigatuma turushiriza guha agaciro ukuri. (Yes. 65:13, 14) Igihe dufasha abandi gukura mu vy’impwemu kugira ‘ntibabe ab’isi,’ turakomeza umwiyemezo wacu bwite wo kwitandukanya n’isi.—Yoh. 17:14, 16; Rom. 12:2.
3. Ubusuku turangura budufasha gute gutsimbataza kamere za gikirisu?
3 Kuja mu busuku biradufasha gutsimbataza kamere za gikirisu. Nk’akarorero, dukoze uko dushoboye kwose kugira ‘ducike vyose ku bantu b’uburyo bwose’ biradufasha kurushiriza gutsimbataza ukwicisha bugufi. (1 Kor. 9:19-23) Igihe tuganira n’abantu “[batabaguwe], basabagiye nk’intama zitagira umwungere,” duca tugira agatima ko kwiga kugira impuhwe no kwishira mu kibanza c’abandi. (Mat. 9:36) Turiga kwihangana igihe twumiyeko naho abantu boba batavyakira neza canke bakaba baturwanya. Umunezero wacu urongerekana igihe twitanze ku bw’ineza y’abandi.—Ibik. 20:35.
4. Wewe wumva umerewe gute ku bijanye n’ubusuku urangura?
4 Mbega umuhezagiro kuba dufise ubusuku butuma Umwe abereye ko tumusenga we musa ashemezwa! Ubusuku buradukomeza. Burazanira imihezagiro myinshi abagira uruhara bimwe bishitse mu “gushingira intahe inogangije inkuru nziza.”—Ibik. 20:24.