Twungukire ku kwiga igitabu Niwiyegereze Yehova
1. Turangije igitabu twiga mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero ni ibiki tuzoca turimbura?
1 Kuva ku wa 1 Ntwarante 2010 gushika ku wa 7 Ntwarante 2011, tuzosubira kwiga igitabu Niwiyegereze Yehova mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Muri ico kiringo hazorimburwa ikigabane ca 18 gushika ku ca 31 vy’ico gitabu. Ivyo bigabane biraca irya n’ino kamere Yehova afise y’ubukerebutsi n’urukundo, bikongera bikerekana ukuntu dushobora kugaragaza izo kamere mu buzima bwacu bwa misi yose. Ikigabane ca nyuma c’ico gitabu gishingiye ku canditswe co muri Yakobo 4:8, kino kikaba kivuga giti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”
2. Twoshobora gute kwungukira cane ku nyigisho tuzogira?
2 Twoshobora gute kwungukira cane kuri iyo nyigisho tuzogira? Birahambaye ko twitegura. Ikigabane kimwe kizoza kirarimburwa mu ndwi zitatu canke rimwe na rimwe zine, buri ndwi hakazoba hategekanijwe ingingo nkeya zo kwiga. Ivyo bizotuma muronka umwanya uhagije wo gutanga insasanuro zivuye ku mutima zishingiye ku vyo muzoba mwakuye mu kwiga ayo mayagwa be no mu kuyazirikanako. Vyongeye, mu ndwi zizoba zirimburwamwo igice ca nyuma c’ikigabane, hazokwihwezwa ingingo nkeyi kuruta kugira ngo muronke akanya ko gukoresha umuce udasanzwe w’ico gitabu.
3. Dushobora gute kwungukira cane ku kurimbura uruzitiro rufise umutwe uvuga ngo “Ibibazo vy’Ukuzirikanako”?
3 Hariho uruzitiro rufise umutwe uvuga ngo “Ibibazo vy’Ukuzirikanako” ruri amaja mu mpera y’ikigabane kimwekimwe cose tuzoba turiko turarimbura. Mumaze kurimbura ingingo ya nyuma y’ico kigabane, umukurambere azoba ariko arayobora iryo koraniro azosaba ishengero rigire ico rivuze kuri urwo ruzitiro. Azoremesha abagize ishengero kugira ico bavuze, arondera ko baserura ibintu vyiza bazoba bakuye mu kuzirikana ku Vyanditswe. (Imig. 20:5) Uretse ibibazo vyatanzwe muri urwo ruzitiro, yoshobora gucishamwo akabaza ibibazo nk’ibi: “Aya makuru akubwira iki ku bijanye na Yehova? Agira ico akoze gute ku buzima bwawe? Ushobora gute kuyakoresha mu gufasha abandi?” Intumbero azoba afise izoba ari iyo gutuma bashikiriza insasanuro zivuye ku mutima, ntizoba ari iyo gupima ubumenyi abagize ishengero bafise mu tuntu tw’ido n’ido dutoduto.
4. Ni ibiki dukwiye gutegura igihe tuzoba dusubira kwihweza za kamere zine nyamukuru za Yehova?
4 Indwi zine za nyuma zo kwiga ico gitabu Niwiyegereze Yehova zizoba zigenewe gusubira kwihweza za kamere nyamukuru zine za Yehova, imwimwe yose ikaba izorimburwa buri ndwi. Mu kwitegurira inyigisho tuzogira muri izo ndwi, turakwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe ukuntu dushobora kwigana Yehova mu kugaragaza izo kamere mu buzima bwacu bwite.—Ef. 5:1.
5. Ni ivyiza ibihe tuzokura mu kwiga igitabu Niwiyegereze Yehova?
5 Igitabu Niwiyegereze Yehova ntigisanzwe. Naho ibisohokayandikiro vyose vy’ “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” bininahaza Yehova, ico gitabu coco, cose uko kingana kigenewe gufasha umuntu kwihweza kamere za Yehova. (Mat. 24:45-47) Ese ukuntu ico ari ikintu ceza umutima kiturindiriye! Tuzokwungukira cane ku kwiga mu buryo bugera ibwina kamere za Yehova. Ese iyo nyigisho yodufasha kurushiriza kwiyegereza Data wa twese wo mw’ijuru, kandi ese tworushiriza kuba kirumara mu gufasha abandi kumwiyegereza!