Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 15 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 15 RUHUHUMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 15-18
No. 1: Abacamanza 16:1-12
No. 2: Imana iragaragaza imbabazi zayo nyinshi (td 26C)
No. 3: Igituma Yezu yise Shetani “se w’ikinyoma” (Yoh. 8:44)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Nuvuge muri make ibiri muri ivyo binyamakuru biriko birashikirizwa wongere werekane ibiganiro vyoshobora gushimisha bimwe bidasanzwe abantu bo mu cibare iwanyu. Nimushiremwo agakino ko kwivugana kerekana ingene umwamamaji yoshobora gufata umwanya wo kwitegurira gushikiriza ivyo binyamakuru. Arabona ibiganiro vyoshobora kuba ibibereye kuruta ibindi mu cibare, akiyumvira ikibazo yokoresha, akongera agahitamwo ivyanditswe aza gukoresha. Aca rero ategura ingene aza kubishikiriza, mu gusubiramwo uburyo bumwe bwerekeye ikinyamakuru kimwekimwe cose.
Imin. 15: “Twungukire ku kwiga igitabu Niwiyegereze Yehova.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Muhejeje kurimbura ico kiganiro, nukoreshe amayagwa ari ku rupapuro rwa 70 mu gitabu Ishure ry’Ubusuku kugira ngo ushikirize ivyibutswa bibereye ku bijanye no gutanga insasanuro ku makoraniro y’ishengero.