Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Munyonyo: Agatabu Bibiliya irimwo ubutumwa ubuhe? Amakuru y’ido n’ido ajanye n’isekeza rizoba kw’isi yose ryo gukoresha ako gatabu azotangwa mu nyuma. Vyongeye, udutabu dukurikira twoshobora gushikirizwa: Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Inzira Ijana mu Buzima Budahera— Woba Warayitoye?, Un livre pour tous. Kigarama: Igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Nimba muri urwo rugo hariho abana, nimushikirize igitabu Igira Kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nzero: Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Mu gihe abamamaji basanze ku muhana umuntu afise ico gitabu, boshobora kumushikiriza igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 cacapuwe ku mpapuro zishobora gucuya canke ikindi gitabu ico ari co cose cacapuwe imbere yo mu 1995.