Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Igitigiri c’abamamaji kigira kane mu bitigiri bitari bwigere bishikwako vyagiye birakurikirana, carabonetse muri Ruheshi 2010. Ubu mu gihugu cose hari abamamaji 9.445 batanga raporo. Tugereranije n’ukwezi kwa Ruheshi kwo mu mwaka uheze, iryo ni iyongerekana ry’ibice 9 kw’ijana ry’igitigiri c’abamamaji. Vyongeye, harayobowe inyigisho za Bibiliya 26.872, rikaba ari iyongerekana ry’ibice 13 kw’ijana tugereranije n’igitigiri c’izayobowe muri ukwo kwezi nyene mu mwaka uheze.