Twungukire bimwe bishitse ku kwiyigisha
1. Kwiga no kuzirikana dushobora kuvyungukirako gute?
1 Turungukira rwose ku ‘kwitwararika kuruta uko bisanzwe’ mu bihe vyo kwiyigisha no kuzirikana. (Heb. 2:1) Gusoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro vya gikirisu no kubizirikanako biraturonsa uturyo twiza cane two kwinjiza mu mutima wacu ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo biraheza bikagira ikintu gikomeye bihinduye ku vyo twiyumvira no ku vyo dukora. Nkako, bituma duhimbarwa no gukora ivyo Yehova agomba. (Zab. 1:2; 40:8) Ku bw’ivyo, turakeneye gutsimbataza ububasha bwacu bwo kwitunira ku vyo twiga kugira bushobore kutugirira akamaro igihe turiko turiga. Biroroshe cane ko dusamara! Utuntu dutoduto tuduciramwo, nk’uwuhamagaye kuri telefone canke urwamo, twoshobora gutuma dusamara. Canke na ho, mu ntango vyoshobora kuba bitugora kumara umwanya munini twituniye ku vyo twiga. Twoshobora kwicara dufise intumbero nziza yo gufungura mu buryo bw’impwemu, mugabo hataraca n’akanya umuzirikanyi wacu ugaca utangura kwangara. Dushobora gute none ‘kwitwararika kuruta uko bisanzwe’ igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana?
2. (a) Kubera iki bihambaye ko dutegekanya umwanya wo kwiyigisha? (b) Wewe wabigenjeje gute kugira uronke umwanya wo kwiga Ijambo ry’Imana?
2 Ni ngirakamaro ko dutegekanya umwanya wo kwiga tukongera tugahitamwo ahantu habereye cane ho kwigira. Abatari bake muri twebwe usanga badahuta bararonka umwanya wo kwiga be n’ahantu hatekanye ho kwigira. Dushobora kwumva umenga ukwihuta kw’ibintu vya misi yose kuriko kuradutwara nka kurya kw’agashami gahwahutse kariko gatwarwa n’uruzi rwiruka cane. Mu vy’ukuri, ni nk’aho dukeneye kurwana n’umukuba w’amazi tukarondera izinga ritoyi ritekanye. Ntitworindira ko akaryo kizana ngo abe ari ho tubona kwiga. Ahubwo dukeneye kwifatira ibintu mu minwe tukarondera umwanya wo kwiga. (Ef. 5:15, 16) Hari abategekanya umwanya mutoyi mu gitondo igihe ata bisamaza vyinshi biba biriho. Abandi na bo babona ko ku mugoroba ari ko karyo keza kuruta. Iciyumviro ni ic’uko dutegerezwa kutirengagiza yuko dukeneye rwose kwironsa ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana n’Umwana wayo. (Yoh. 17:3) Nimuze rero dutegekanye umwanya wo kwiyigisha maze twumire kuri urwo rutonde.
3. Kuzirikana ni iki, kandi dushobora gute kuvyungukirako?
3 Kuzirikana ni ukwiyumvira twitonze ivyo tuba twize. Ukwo kuzirikana ni ukw’agaciro kanini. Kuradufasha gukura ivyiyumviro vy’Imana ku rupapuro aho vyanditse tukavyinjiza mu mutima wacu. Kuzirikana biradufasha kubona ukuntu twoshira mu ngiro impanuro za Bibiliya kugira tube “abashira mu ngiro rya jambo, atari abumva gusa.” (Yak. 1:22-25) Vyongeye, kuzirikana biradufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova kuko bituma twiyumvira twitonze kamere ziwe n’ukuntu zishimikwako mu vyo tuba turiko turiga.
4. Hakenewe iki kugira tuzirikane mu buryo ngirakamaro?
4 Kugira twungukire bimwe bishitse ku kwiga no ku kuzirikana, dutegerezwa kwirinda ivyohava bidusamaza. Nimba dushaka kuronka amakuru mashasha igihe tuzirikana, dutegerezwa kwirinda kwiyumvira ibisamaza vyo mu buzima bwa kino gihe. Ivyo bisaba gufata umwanya kandi tukaja aha twenyene, yamara ese ukuntu biruhura kwihereza imfungurwa zo mu vy’impwemu n’amazi y’ukuri yo mw’Ijambo ry’Imana!
5. (a) Ku vyerekeye ukwiyigisha, ni ibiki vyafashije bamwebamwe kwongereza ubushobozi bwabo bwo kwitunira ku mayagwa? (b) Dukwiye kugira agatima akahe ku bijanye n’ukwiga, kandi ni ivyiza ibihe dushobora gukura muri ico gikorwa gihambaye?
5 Bite ho nimba tudashobora kumara umwanya munini twituniye ku vyo turiko turiga, umuzirikanyi wacu na wo ugaca utangura kwangara hataraca n’akanya dutanguye kwiga? Hari abashoboye kwongereza ubushobozi bwabo bwo kwitunira ku vyo biga mu gutangura kuza bariga umwanya mutomuto hanyuma buhorobuhoro baza barawongereza. Intumbero yacu ikwiye kuba kwinjira rwose mu vyo twiga, aho kwihutagiza. Turakeneye kugirira akayabagu ivyo turiko turiga. Turashobora kandi kugira bushakashatsi bwiyongereye mu bisohokayandikiro vyinshi turonswa na wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Kwimba mu “bintu vyimbitse vy’Imana” biri n’akamaro kanini cane. (1 Kor. 2:10) Bituma twongereza ubumenyi bwacu bwerekeye Imana tugatsimbataza n’ububasha bwacu bwo gutegera. (Heb. 5:14) N’ikindi kandi, igihe twigana ubwira Ijambo ry’Imana, tuzoba “abakwije neza ibisabwa kugira [tw]igishe abandi.”—2 Tim. 2:2.