Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 2 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 2 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 116 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 23 ing. 1-8, n’uruzitiro ku rup. 180 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 6-10 (Imin. 10)
No. 1: Ezekiyeli 7:14-27 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni gute Yonatani yari akarorero keza mu bijanye no kwicisha bugufi?—1 Sam. 23:16-18 (Imin. 5)
No. 3: Igituma Yehova adashobora kuba mu co bita Ubutatu (td 27A) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Ingene twofasha uwo tuganira kuzirikana—Igice ca 1. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 251 gushika ku rupapuro rwa 253, ingingo ya 2. Nimugire umwerekano mugufi mwisunze iciyumviro kimwe canke bibiri vyo muri ayo mayagwa.
Imin. 10: Woba uvyibuka? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2012, urupapuro rwa 32.
Imin. 10: Ukuntu twoshobora gushikiriza ibinyamakuru muri Mukakaro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Hitamwo ibiganiro bibiri canke bitatu maze ufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma vyoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vy’Umunara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa. Nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero.
Ururirimbo rwa 31 n’isengesho