Amahinduka ajanye n’amakoraniro yo hagati mu ndwi
Kuva ku ndwi itangura ku wa 3 Nyakanga, Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero izokwongerezwa umwanya, ive ku minota 25 ije kuri 30. Mu majambo y’intangamarara, umurongozi akwiye gufata umunota umwe kugira ngo agire isubiramwo ry’ibizoba vyihwejwe ubuheruka. Umwanya w’Ikoraniro ry’umurimo na wo nyene uzohindurwa uve ku minota 35 uje kuri 30. Ntihazosubira kuba igice kigenewe amatangazo gusa. Ahubwo, amatangazo azoza arashikirizwa mu kiganiro ca mbere. Akenshi, bizokenerwa ko hashikirizwa amatangazo makeyi, nimba na ho nyene azoba ahari, kandi ntibizoba bikenewe ko havugwa ingene ibiganiro biza gukurikirana. Amatangazo yerekeye ubusuku bwo mu ndimiro canke isuku ry’Ingoro y’Ubwami kibure indamukanyo, ntakwiye gushikirizwa. (km 10/08 rup. 1, ing. 4) Nimba hari itangazo rirerire rizoba rikeneye gushikirizwa, bizoba vyiza abafise ibiganiro mw’Ikoraniro ry’umurimo babimenye imbere y’igihe kugira ngo barabe ingene bogabanya umwanya w’ibiganiro vyabo.