Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Gitugutu: Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimushikirize igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mushikirize agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Munyonyo na Kigarama: Abamamaji barashobora gushikiriza kamwe muri utu dupapuro tw’inkuru nziza: Ivyabona vya Yehova Bemera iki?, Iyi Si Yoba Izorokoka?, Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye?, Ugucumukura kwose kugiye kurangira, Ukubaho mu Mahoro mw Isi Nsha, Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?, hamwe na Yehova—Ni Nde? Hagize uwushimishwa, numwereke ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa ukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke kamwe muri twa dutabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Nzero: Abamamaji boshobora gushikiriza kamwe muri utu dutabu tw’impapuro 32: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Intwaro izozana Iparadizo, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Ni Ibiki Imana Idusaba?, canke Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimubereke igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mumwereke agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho za Bibiliya.