ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/12 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 10/12 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Munyonyo

“Benshi muri twebwe baripfuza intwaro ibereye. Wewe wibaza ko ari intwaro bwoko ki izotorera umuti ingorane zihanze umuryango w’abantu? [Rindira yishure.] Raba ukuntu iki kinyamakuru kibivuga.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro rwa 16 mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ikinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira. Nimba ikinyamakuru co muri Munyonyo kitaraboneka, nimukoreshe ikinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero, mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kugishikiriza.

Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga

“Mu mihingo myinshi y’isi, abakenyezi barakumirwa kandi bagafatwa nabi. Ikibabaje, ivyo amadini yigisha vyaragize ico biterereye muri ivyo. Woba wibaza ko Imana vy’ukuri yitaho abakenyezi? [Rindira yishure.] Raba ukuntu Bibiliya yigisha abanega gufata abakenyezi babo. [Soma Abanyefeso 5:28, 29.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ihishura ku bijanye n’ingene Imana ibona abakenyezi.”

Be maso! Nyakanga

“Abantu benshi bavuga ko umusi uri izina ubuzima buzorangira hano kw’isi, kumbure bitewe n’intambara ikoreshwamwo ibirwanisho ruhonyanganda canke icago c’icaduka, nk’igisyo co mu kirere citwa astéroïde coseka isi canke ihindagurika ry’ikirere. Woba wibaza ko ivyo vyiyumviro bijanye n’umuhero w’isi vyumvikana, canke ni ibitito? [Rindira yishure.] Bibiliya iratanga uwu muhango uremesha. [Soma Zaburi 37:29.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ibintu bimwebimwe bibonwa ko vyoshobora gutuma haba umuhero w’isi be n’ibintu vyumvikana Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika