Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Munyonyo
“Woba wibaza ko abagerageza kugamburukira Imana ari bo bahimbawe kuruta? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ibintu bimwebimwe bishimishije.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo, hama musome mwongere murimbure amayagwa ari munsi ya kamwe mu dutwe turi ku rupapuro rwa 16-17. Nimusome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane ingene wosubira kumugendera kugira mwihweze inyishu y’ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
Mwereke ku gipfukisho c’ico kinyamakuru hama uvuge uti: “Wokwishura gute iki kibazo? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga. [Soma 1 Yohani 5:19.] Twisunze ivyo dusomye, “wa mubisha,” ni ukuvuga Shetani, ni we atwara isi. Ariko rero haca havyuka ibibazo bimwebimwe. Shetani yakomotse hehe? Mbe hoho yoba abaho koko? Imana izomureka ngo abandanye atwara gushika ryari? Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ibivugako.”
Be maso! Gitugutu–Kigarama
“Uno musi twaramutse tugendera imiryango mu ntumbero yo kugira ico dufashije abo mu kibano. Wibaza ko ari igiki gikunda kubera urugamba abavyeyi kuruta ibindi vyose mu bijanye n’ukurera abana babo? [Rindira yishure.] Abavyeyi benshi barakunze kwisunga impanuro zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, aya majambo aranga ubukerebutsi arafasha igihe utoza indero abana. [Soma Abanyefeso 4:31.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu impanuro zo muri Bibiliya zishobora gufasha abavyeyi mu kiringo ico ari co cose c’ikura ry’umwana wabo, kuva mu bwana gushika mu buyabaga.”