ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/11 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 10/11 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Munyonyo

“Woba wibaza ko abagerageza kugamburukira Imana ari bo bahimbawe kuruta? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ibintu bimwebimwe bishimishije.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo, hama musome mwongere murimbure amayagwa ari munsi ya kamwe mu dutwe turi ku rupapuro rwa 16-17. Nimusome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane ingene wosubira kumugendera kugira mwihweze inyishu y’ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga

Mwereke ku gipfukisho c’ico kinyamakuru hama uvuge uti: “Wokwishura gute iki kibazo? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga. [Soma 1 Yohani 5:19.] Twisunze ivyo dusomye, “wa mubisha,” ni ukuvuga Shetani, ni we atwara isi. Ariko rero haca havyuka ibibazo bimwebimwe. Shetani yakomotse hehe? Mbe hoho yoba abaho koko? Imana izomureka ngo abandanye atwara gushika ryari? Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ibivugako.”

Be maso! Gitugutu–Kigarama

“Uno musi twaramutse tugendera imiryango mu ntumbero yo kugira ico dufashije abo mu kibano. Wibaza ko ari igiki gikunda kubera urugamba abavyeyi kuruta ibindi vyose mu bijanye n’ukurera abana babo? [Rindira yishure.] Abavyeyi benshi barakunze kwisunga impanuro zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, aya majambo aranga ubukerebutsi arafasha igihe utoza indero abana. [Soma Abanyefeso 4:31.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu impanuro zo muri Bibiliya zishobora gufasha abavyeyi mu kiringo ico ari co cose c’ikura ry’umwana wabo, kuva mu bwana gushika mu buyabaga.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika