Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 31 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 31 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 105 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 5 ing. 1-8 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 1-6 (Imin. 10)
No. 1: Kuvayo 2:1-14 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Noronka gute abagenzi beza?—yp1 rup. 57-63 (Imin. 5)
No. 3: “Impwemu y’isi” ni iki, kandi “ikorera” gute mu muntu?—lv rup. 53 ing. 7–rup. 54 ing. 9 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: “Nukoreshe neza ibinyamakuru vya kera.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Numenyeshe ishengero ibinyamakuru vya kera biri mu bubiko abamamaji bashobora kwironsa ngo babikoreshe mu busuku. Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe biboneye igihe bariko barakoresha ibinyamakuru vya kera. Imbere yo gusozera, nusabe umucungezi w’umurimo avuge aho ishengero rigejeje gutanga ubutumire bw’Icibutso.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Hatwigisha iki? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Saba abumviriza basome Matayo 28:20 na 2 Timoteyo 4:17. Nimwihweze ukuntu ibivugwamwo bishobora kudufasha mu busuku.
Ururirimbo rwa 135 n’isengesho