Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 7 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 7 NDAMUKIZA
Ururirimbo rwa 15 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 5 ing. 9-17 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 7-10 (Imin. 10)
No. 1: Kuvayo 9:20-35 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu ari “inzira n’ukuri n’ubuzima”?—cf rup. 19-22 ing. 11-17 (Imin. 5)
No. 3: Ni ingingo ngenderwako izihe zikwiye kugenga uburyo twambara be n’uburyo twitunganya?—lv rup. 56 ing. 12-13 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Ndamukiza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira umwerekano w’ingene ivyo binyamakuru vyoshikirizwa, mukoresheje ubwo buryo bubiri bwo kubishikiriza buri kuri uru rupapuro. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose kuva ku ntango gushika ku mpera. Nusozere uremesha bose kumenya ibiri muri ivyo binyamakuru no kugira uruhara mu kubishikiriza babigiranye umwete.
Imin. 10: Ntimwibagire ubwakiranyi. (Heb. 13:1, 2) Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Nimwihweze intunganyo zagizwe aho iwanyu ku bijanye n’Icibutso. Nutange ivyiyumviro vy’ukuntu bose bogaragariza ubwakiranyi abashitsi be n’abamamaji bahororokewe bazoba bitavye Icibutso. Nimugire umwerekano urimwo ibice bibiri. Mu gice ca mbere, imbere y’uko Icibutso gitangura, umwamamaji araha ikaze uwaronse ubutumire mu gihe c’isekeza. Mu gice kigira kabiri na ho, Icibutso kirangiye, nya mwamamaji aragira intunganyo zo gukurikirana uwo mushitsi yashimishijwe.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku gushira mu ngiro ivyiyumviro vyo mu kiganiro “Kuryohora ubuhanga bwacu mu busuku—Ingene twovyifatamwo ku majambo yohava ahagarika ikiyago.” Nubasabe bigane ivyabonywe bishimishije.
Ururirimbo rwa 20 n’isengesho