Ingene twotanguza ibiyago
Vyerekeye isekeza ryo gutanga ubutumire bw’Icibutso
“Turiko turatanga ubutumire bw’urubanza ruhambaye cane. Ku wa 14 Ndamukiza, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bazokorana kugira bibuke urupfu rwa Yezu Kristu kandi bazokwumviriza ku buntu insiguro ishingiye kuri Bibiliya ivuga igituma urupfu rwiwe rutugirira akamaro. Ubu butumire burerekana ikibanza be n’umwanya iryo koraniro rizoberako aha iwacu.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante
“Abantu benshi baribaza igituma Imana itagira ico ikoze ngo ikureho akarenganyo n’imibabaro kw’isi. Woba wibaza ko biva ku kuba Imana ititaho abantu canke kuba ibona ko ari vyiza yuko abantu bashikirwa n’imibabaro? [Rindira yishure. Nuce usoma Yohani 3:16.] Naho abantu benshi basubiramwo iki canditswe mu kwerekana ko Imana ibitwararika, ntibabona neza ukuntu urupfu rw’Umwana w’Imana rubagirira akamaro muri iki gihe. Iki kinyamakuru kirasigura ingene urupfu rwa Yezu rutuma bishoboka ko akarenganyo n’imibabaro bivaho kw’isi.”
Be maso! Ntwarante
“Turiko turagendera ababanyi bacu kugira tubafashe gutahura uwu murongo wo muri Bibiliya usanga benshi batahura ukutari kwo. [Soma Itanguriro 1:1.] Hari abemera ko isi n’ijuru vyaremwe, hakaba n’abandi batavyemera. Mweho muvyiyumvirako iki? [Rindira yishure.] Abantu benshi usanga bibagora kwemera ko ibiriho vyaremwe kubera ko indongozi z’amadini zigisha ibintu Bibiliya vy’ukuri itavuga. Iki kinyamakuru kirerekana insobanuro yumvikana kandi yo kwizigirwa Bibiliya itanga ku bijanye n’intango y’isi n’ijuru.”