Twokwitwararika gute Ingoro y’Ubwami, ikibanza cacu co gusengeramwo?
Kuyisukura. Urukundo dukunda Yehova ruratuvyurira umutima wo kwubaha Ingoro y’Ubwami yacu, ino ikaba ari intimatima y’ugusenga kw’ukuri mu karere iba irimwo. Igihe abashasha baje ku ngoro, dushaka ko basigarana mu bwenge ishusho ibereye ku bijanye n’aho tugirira amakoraniro. Ingoro irakeneye kwama isukurwa kandi ikabungabungwa kugira ngo twiyemeze neza ko iguma iteye igomwe kandi ibereye ijisho. Tugaragaza ko twubaha Ingoro y’Ubwami yacu mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo igume imeze neza. Ni agateka kwitanga tugakoresha umwanya wacu kugira ngo dufashe mu gusukura aho dusengera, mu ‘kuhasanura no mu kuhasanasana.’ (2 Ngo. 34:10) Izo ngingo ngenderwako nyene zirakora igihe dukoranira ku Ngoro y’amateraniro canke ku yindi nyubakwa ku bw’amateraniro kibure amahwaniro.
Abo mw’ishengero bakwiye kubona ko ari agateka gutanga amahera akoreshwa ku bijanye n’Ingoro y’Ubwami be no kwitanga bagakora kugira igume isukuye, isesuka kandi imeze neza. Inyuma be n’imbere muri yo, Ingoro y’Ubwami ikwiye guserukira ishirahamwe rya Yehova nk’uko bibereye. Abakurambere n’abakozi b’ishengero baraja imbere muri ivyo. (Heb. 13:7) Umukurambere canke umukozi w’ishengero akenshi arashingwa kuraba yuko ibikorwa vya nkenerwa bikorwa hakurikijwe urutonde rw’ibintu bitegerezwa gukorwa ku ndwi ku ndwi.
Kuyibungabunga. Mu kwezi kwa mbere Hezekiya ari ku ngoma, yaragaragaje umwete yari afitiye ugusenga Yehova mu gusubira kwugurura urusengero no mu kurusanura. Yaratunganije ivy’uko abaherezi n’Abalewi bahumanura inzu y’Imana. Ivyo babigize mu misi 16. (2 Ngo. 29:16-18) Ako kigoro bagize karatwibutsa igikorwa co kubungabunga no gusanura ibibanza tugiriramwo amakoraniro mu buryo bugaragaza umwete dufitiye ugusenga Yehova. None ntumaze kwumva ivyabonywe vyerekana ko abantu bakorwa ku mutima n’umwete abavukanyi n’abavukanyikazi bagira uruhara muri mwene ico gikorwa bafise? Emwe, utwigoro bagira turatuma Yehova arushiriza gushemezwa.
Mu gisagara kimwe co mu buraruko bw’Ubwongereza, umugabo umwe yariyamirije igikorwa co gusanura Ingoro y’Ubwami yari ihereranye n’inzu yiwe. Abavukanyi baho baravyifashemwo neza. Uti gute? Bamaze kubona ko uruhome rwatandukanya Ingoro y’Ubwami be n’inzu ya nya mubanyi rwari rukeneye gusanurwa, baritanze bararusanura ku buntu. Abo bavukanyi barakoze baratama. Nkako, ni nk’aho basubiye kurwubaka bushasha. Baratoreye neza umuti iyo ngorane ku buryo nya mubanyi yahinduye ukuntu yari asanzwe abona ibintu. Ubu yama nantaryo acungera mu buryo ngirakamaro ibintu bigize iyo Ngoro y’Ubwami.
Ingoro y’Ubwami yo mu cibare canyu yoba iserukira neza Yehova ya Mana yacu Nyeranda? Yoba iboneka ko itandukanye n’izindi nyubakwa be n’amasengero? Ivyo ahanini bivana n’akigoro twese tugira mu gusukura no mu kubungabunga iyo nyubakwa yonyene yitirirwa izina rya Yehova mu karere iwacu. Ese twese “[two]girira umwete ibikorwa vyiza” mu gutuma ikibanza dusengeramwo kiguma gisukuye kandi kimeze neza!—Tito 2:11-14.