ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/14 rup. 3
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nimugende rero muhindure abantu abigishwa’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca kabiri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 4/14 rup. 3

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Twofasha gute abo twigisha Bibiliya kugira ngo bakwize ibisabwa vyo kubatizwa babe abigishwa ba Yezu Kristu?

Uburyo bwiza kuruta bwo kubigira ni mu (1) kuyobora inyigisho ya Bibiliya idahorereza kandi itera imbere, (2) kumuremesha kwitaba adahorereza amakoraniro y’ishengero agirwa buri ndwi yose ukwo ari atanu be no (3) kumufasha hamwe no kumumenyereza kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku bwo mu ndimiro, vuba bishoboka amaze gukwiza ibisabwa n’Ivyanditswe.

Yezu Kristu yashinze abigishwa biwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa, kubabatiza be no kubigisha kwubahiriza ivyo yategetse. Ico gikorwa yabashinze kiracakorwa no muri iki gihe nk’uko vyerekanwa n’aya majambo: “Kandi ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.”​—Mat. 28:19, 20.

Umwigishwa ni umuntu yemera inyigisho z’uwundi hanyuma na we akazibwira abandi abigiranye umwete. Rero, uretse ko ababatizwa babwirizwa kuba bafise ubumenyi bw’ishimikiro bw’ukuri kwo muri Bibiliya, bakwiye kandi kuba bamaze kugaragaza mu buzima bwabo ko batahura ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse kandi ko babaho bazisunga. N’ikindi kandi, bwa bigishwa ba Yezu Kristu, baremera ishirahamwe rya Yehova riboneka be n’ubukuru bwa Yezu Kristu nk’uko abugaragaza biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47; Ivyak. 1:8) Kubera ko babonye yuko ibintu vyihutirwa muri ibi bihe tubayemwo, bariyunze ku basavyi ba Yehova mu gukora igikorwa Yezu yatanguje yongera aragishinga abayoboke biwe. (Luka 8:1; Mat. 24:14) Kuba abo bigishwa babatizwa mu mazi ni uburyo bwo kwerekana ku mugaragaro ko biyeguriye Yehova Imana n’umutima wabo wose.​—Gereranya na Zaburi 40:8.

Vyoba vyiza tugumije ku muzirikanyi ko turiko turafasha abatohoji ba Bibiliya gucika abigishwa ba Yezu Kristu aho gucika abigishwa bacu. Niba, kubera uko ivyacu vyifashe, umwanya dufise, ububangukirwe bwacu canke izindi mvo zumvikana, bigaragaye ko tudashobora gufasha umutohoji wa Bibiliya gutera imbere ngo abe umwigishwa, dukwiye guca tubibwira abakurambere. Boshobora gutanga ivyiyumviro ngirakamaro vyogira ico biterereye kw’iterambere ryo mu vy’impwemu ry’iyo nyigisho, mu buryo buhuye n’amajambo intumwa Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 3:5-9.

Inyigisho ya Bibiliya ikwiye kubandanya gushika umwigishwa ahejeje vya bitabu bibiri Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? na “Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” mbere n’igihe yoba yakwije ibisabwa akabatizwa imbere y’uko arangiza ivyo bitabu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika