Udupapuro tw’inkuru nziza dushasha dutunganijwe mu buryo bushimishije!
1. Ni ibintu ibihe vyo gukoresha mu busuku bitunganijwe mu buryo bushimishije?
1 Hari udupapuro tw’inkuru nziza dutanu dushasha twasohotse kuri ya Mahwaniro y’intara yo mu 2013 yari yataziriwe ngo “Ijambo ry’Imana ni ukuri!” Vyongeye, ya Nkuru y’Ubwami No. 38 ivuga ngo “Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?” yarongewe ku rutonde rw’udupapuro tw’inkuru nziza. Utwo dupapuro tw’inkuru nziza twose uko ari dutandatu dutunganijwe mu buryo bushasha bushimishije. Kubera iki utwo dupapuro tw’inkuru nziza tumeze kurya turi? Igihe dutanga utwo dupapuro inzu ku nzu, dushobora gute gukoresha neza ibituranga?
2. Kubera iki utwo dupapuro tw’inkuru nziza tumeze kurya turi?
2 Kubera iki tumeze kurya turi?: Uburyo bwiza bwo gutanguza ibiyago inzu ku nzu akenshi buba bugizwe n’ibi bintu bine: (1) Gutanguza n’ikibazo gituma umuntu aserura iryo agona. (2) Kuvuga iciyumviro co mu Vyanditswe. (3) Guha umunyamuhana ibisohokayandikiro. (4) Gusiga ikibazo uzokwishura niwagaruka, no kuvugana igihe uzogarukira. Ukuntu utwo dupapuro tw’inkuru nziza dutunganijwe biradufasha gushitsa ivyo bintu bine.
3. Twoshikiriza gute kamwe mu dupapuro tw’inkuru nziza dushasha mu busuku?
3 Ukuntu twodukoresha: (1) Uhejeje kuramutsa umunyamuhana, numwereke ikibazo gishimishije kiri ku rupapuro rwa mbere rw’agapapuro k’inkuru nziza gisaba gutanga inyishu imwe mu zatanzwe, uce umubaza ico aciyumvirako. (2) Nukazingurure maze muganire ahanditse ngo “Ivyo Bibiliya ivuga.” Nimusome muri Bibiliya icanditswe kihari nimba bishoboka. Niba umunyamuhana afise umwanya, nimuganire ahavuga ngo “Ico vyokumarira.” (3) Numuhe ako gapapuro wongere umuremeshe kuza kwisomera ibisigaye. (4) Imbere y’uko ugenda, numwereke ikibazo kiri ku rupapuro rwa nyuma munsi y’ahavuga ngo “Zirikana kuri ibi bintu” maze muvugane umusi wogaruka kugira muganire ku nyishu Bibiliya itanga.
4. Twokoresha gute udupapuro tw’inkuru nziza dushasha igihe tugira isubirayo?
4 No kugira isubirayo biroroha. Nukoreshe ivyanditswe vyerekanwa ku rupapuro rwa nyuma mu kwishura ca kibazo wasiga igihe muheruka kuganira. Imbere y’uko ugenda, numwereke ifoto y’agatabu Inkuru nziza iri kuri ako gapapuro k’inkuru nziza, uce umwereka nya gatabu be n’icigwa cerekanywe ko kirimwo ayandi makuru yerekeye ikintu muriko muraganirako hanyuma uce ukamuha. Niba akakiriye, nimuvugane ivyo kuzoganira kuri ako gatabu niwagaruka. Erega aho uba wamaze gutanguza inyigisho ya Bibiliya! Canke aho kumuha ako gatabu, woshobora kumuha akandi gapapuro k’inkuru nziza maze mukavugana umusi wogaruka kugira mukaganireko.
5. Udupapuro tw’inkuru nziza dufise akamaro akahe mu busuku bwacu?
5 Haraheze imyaka irenga 130 udupapuro tw’inkuru nziza dukoreshwa mu busuku bwacu. Naho ukuntu tungana be n’ukuntu tumeze vyagiye birahindagurwa, twarabaye igikoresho ngirakamaro mu busuku. Ese twokoresha neza utwo dupapuro tw’inkuru nziza twatunganijwe mu buryo bushasha mu kubandanya gukwiragiza ubumenyi bwo muri Bibiliya kw’isi yose!—Imig. 15:7a.