ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/00 rup. 4
  • Nukoreshe Udutaragiti mu Gutanguza Ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe Udutaragiti mu Gutanguza Ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe udupapuro tw’inkuru nziza mu gukwiragiza ubutumwa bwiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Nukoreshe Ijambo ry’Imana—Ni rizima!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Udupapuro tw’inkuru nziza dushasha dutunganijwe mu buryo bushimishije!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Nugakoreshe igihe cose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 1/00 rup. 4

Nukoreshe Udutaragiti mu Gutanguza Ibiyago

1 Mbega ntiwokwemera yuko gushinga intahe kirumara biva canecane ku kuntu wibwiriza gutanguza ibiyago? Igihambaye ni ukuvuga ikintu gikwegera ugushimishwa kw’umuntu kandi kikamwinjiza mu kiyago. Ariko none ivyo vyogirwa gute mu buryo kirumara?

2 Abamamaji benshi basanze amajambo makeyi yacaguwe neza, agakoreshwa mu gushikiriza kamwe mu dutaragiti twacu dushimikiye kuri Bibiliya ashobora gutanguza ibiyago. Imitwe irakwegera, kandi amashusho ni ay’amabara atandukanye kandi aryoheye ijisho. Agataragiti ntikaremera umuntu ngo ase n’uwubona ko karimwo ibintu vyinshi vyo gusoma. Mugabo ubutumwa burashe buri mu dutaragiti buraryoha gusoma, kandi burashobora gukoreshwa mu gutuma umuntu atangura inyigisho ya Bibiliya.

3 Nguku uko Icabona umwe yumvise amerewe: “Muri iyi si y’abantu baguma bihuta, kenshi ntibashaka gufata umwanya munini wo gusoma, ariko ibintu vyanditswe mu dutaragiti birakwiye ku buryo bishobora gushikiriza ubutumwa buhambaye, mugabo si vyinshi cane ku buryo vyotera ubuyega abantu imbere yuko banabiraba. Narasomye twinshi mu dutaragiti kandi amaherezo naramenye ukuri.” Ntukigere usuzugura ububasha bw’Ijambo ry’Imana risiguwe muri ubwo butumwa bugufibugufi.—Heb. 4:12.

4 Intambwe Zine Zoroshe: Benshi baratunganiwe mu gukoresha uburyo bworoshe bwo kubaganiriza. (1) Niwereke umuntu dukeyi muri utwo dutaragiti hanyuma umubaze akoshobora kumushimisha. (2) Uwo muntu amaze gutoramwo kamwe, numubaze ikibazo wateguye neza cerekana iciyumviro nyamukuru kiri muri ako gataragiti. (3) Mu kwishura ico kibazo, nusome ingingo ibereye canke icanditswe kibereye ukuye muri ako gataragiti. (4) Nimba avyakiriye neza, nubandanye kuganira nawe ku biri muri ako gataragiti canke werekeze ku cigwa kimwe mu biri mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke ku kigabane kimwe co mu gitabu Ubumenyi gitanga izindi nsasanuro. Muri ubwo buryo hari aho woshobora kumushikana mu nyigisho ya Bibiliya. Ivyiyumviro bikurikira bizogufasha gutegura ico wovuga ukoresheje tune muri utwo dutaragiti.

5 Umutwe w’agataragiti uvuga ngo “Qui domine vraiment le monde?” (Ni Nde mu vy’Ukuri Aganza Isi?) woshobora gukoreshwa nk’ikibazo:

◼ Nimba uwo muntu muriko muraganira yishuye ngo “Ni Imana” canke ngo “Sindabizi,” nusome amungane abiri atangura ku rupapuro rwa 2 hamwe n’ingingo ya mbere ku rupapuro rwa 3. Niwerekane 1 Yohana 5:19 hamwe n’Ivyahishuriwe 12:9. Uwo muntu yaba akekeranya canke adakekeranya ku vy’uko Shetani ya Diyabule abaho, canke akaba yemanga yuko ari we yifatiye isi mu minwe, urashobora gukurikirana uburyo ivyiyumviro bitanzwe musi y’agatwe gatoyi kavuga ngo “L’origine des conditions mondiales” (Inyanduruko y’Ingorane Ziri mw’Isi) kugira mubandanye ikiyago. Mu gihe agaragaje ugushimishwa, numusabe ko mwoganira kuvyerekeye iyo Diyabule yaje ava, ukoresheje ibiri ku rupapuro rwa 3 n’urwa 4 rw’ako gataragiti.

6 Agataragiti gafise umutwe uvuga ngo “Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye?” koshobora guca kavyurira umuntu ugushimishwa buno nyene. Woshobora gutanguza ikiyago mu kubaza uti:

◼ “Woba wibaza ko twoba tuzokwongera kubona abacu basandavye?” Uwo muntu ahejeje kwishura, nuce werekana ingingo ya kabiri ku rupapuro rwa 4 rw’ako gataragiti hanyuma usome Yohana 5:28, 29. Maze musigurire yuko ako gataragiti gafasha umuntu gutahura amayagwa ari musi y’agatwe ka mbere dusanga muri ako gataragiti. Numusabe ko mwokaganirako hamwe.

7 Agataragiti gafise umutwe uvuga ngo “Une vie de famille agréable” (Umubano wo mu Rugo Uhimbaye) karakwegera ku bantu abo ari bo bose bo mu ngo. Mu kugakoresha woshobora kuvuga uti:

◼ “Kumbure woshobora kwemera yuko imiryango imerewe nabi muri iki gihe. Ni igiki wibaza ko coshobora kugirwa kugira ngo ubucuti bwo mu muryango bukomere?” Uwo muntu amaze kwishura, niwerekeze ivyiyumviro vyiwe ku vyo dusanga mu ngingo ya mbere ku rupapuro rwa 6. Nutoremwo kimwe mu vyanditswe vyasubiwemwo mu majambo ari ku rupapuro rwa 4 n’urwa 5 muri ako gataragiti, hanyuma ugisigure. Maze numusabe kumurongorera inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ataco arishe.

8 Agataragiti gafise umutwe uvuga ngo “Igituma Umuntu Yokwizigira Bibiliya” koshobora gukoreshwa muri ubu buryo bwo gutanguza ikiyago:

◼ “Abantu benshi baramaze kwumva inkuru ya Kayini na Abeli, iyo dusanga mu gitabu ca mbere ca Bibiliya. Iyo nkuru yo mw’Itanguriro irerekeza kandi ku mugore wa Kayini. Woba urigera wibaza iyo yavuye?” Nukoreshe ibiri ku ngingo ya nyuma ku rupapuro rwa 2 rw’ako gataragiti mu kumuha inyishu. Nusigure yuko ako gataragiti gashikiriza ibintu bihambaye Bibiliya ivuga vyerekeye ico kazoza katubikiye. Muhereye ku ngingo ya 3 iri ku rupapuro rwa 5, nuremeshe ico kiyago ukoresheje ivyanditswe bigishigikira.

9 Ugukwiragiza udutaragiti dushingiye kuri Bibiliya ni uburyo bwakoreshejwe kuva kera, bukaba ari kirumara mu vy’ugushikiriza inkuru nziza. Kubera udutaragiti tworoshe itwara aho uja hose, urashobora kudukoresha mu buryo kirumara mu gikorwa cawe c’inzu ku nzu be n’igihe ushinga intahe akaryo kizanye. Udutaragiti turarangura uruhara ruhambaye mu vy’ugushitsa igikenurwa cacu. Urama witwaza udutaragiti dutandukanye, kandi udukoreshe cane mu gutanguza ibiyago.—Kol. 4:17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika