Nugakoreshe igihe cose
1. Ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? ni ngirakamaro mu biki?
1 Ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? kagenewe kudufasha gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ariko kandi ni igikoresho ngirakamaro dushobora kwikorako kugira ngo tumije imbuto z’ukuri. (Umus. 11:6) Ng’izi inama zimwezimwe zizodufasha gukoresha neza ako gapapuro.
2. Twoshobora gute gukoresha ako gapapuro mu gutanguza ikiyago?
2 Igihe dutanguza ikiyago: Woshobora guhereza ako gapapuro uwo ubwira inkuru nziza, ukamwereka ibibazo bitandatu biri ku rupapuro rwa mbere, ugaca umubaza uti: “Ni ikihe muri ibi bibazo wewe woba umaze kwibaza?” Umaze kwumva inyishu uwo muntu atanze, nimurimbure muri ako gapapuro inyishu Bibiliya itanga ku kibazo kimwe mu vyo yahisemwo, muce musoma kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Nusome canke uvuge muri make ibiri ku rupapuro rwa nyuma, uce umushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. N’igihe nyene atemeye kwakira ico gitabu, aba yamaze kwakira ka gapapuro, kakaba koshobora gutuma ukuri gushinga imizi mu mutima wiwe.—Mat. 13:23.
3. Igihe uwo tubwira inkuru nziza afatiriwe, twokora iki?
3 Igihe uwo ubwira inkuru nziza afatiriwe: Woshobora kuvuga uti: “Kubera ko akanya katagukundiye, reka ndagusigire aka gapapuro. Karerekana ibibazo nyamukuru bitandatu abenshi muri twebwe bamaze kwibaza kakongera kagatanga inyishu idomako kuri kimwekimwe cose ivuye muri Bibiliya. Ninagaruka kukuraba, nzoshima kumenya ico uvyiyumvirako.”
4. Twovuga iki igihe dushikiriza ako gapapuro turiko turamamaza mw’ibarabara?
4 Igihe uriko wamamaza mw’ibarabara: Woshobora kuvuga uti: “Ndakuramukije. Woba urigera wibaza na kimwe muri ibi bibazo? [Rindira yishure.] Aka gapapuro karerekana inyishu zitomoye kandi zishimishije dusanga muri Bibiliya.” Nimba uwo muntu atariko arihuta, mwoshobora kuyaga ku nyishu imwe mu ziri muri ako gapapuro, ukanamushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
5. Ni gute twoshobora rimwe na rimwe gukoresha ako gapapuro igihe dusanze atari ho bari?
5 Igihe usanze atari ho bari: Mu vyibare bimwebimwe, abamamaji usanga basiga agatabu canke agapapuro k’inkuru nziza aho basanze atari ho bari, bakabisiga aho abarengana badashobora kubibona. Nimba ariko musanzwe mubigira mw’ishengero iwanyu, ubona gute rimwe na rimwe ugiye urasiga ako gapapuro kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? Ugarutse, woshobora kuvuga uti: “Igihe twaheruka hano si ho wari uri, tukaba twaciye tugusigira aka gapapuro tugacishije munsi y’umuryango. Ni ikihe muri ibi bibazo woshima kuronkera inyishu?”
6. Ni igiki gituma agapapuro Woba ushaka kumenya ukuri? kaba igikoresho ngirakamaro kidufasha kwamamaza?
6 Agapapuro Woba ushaka kumenya ukuri? gashikiriza ukuri mu buryo bworoshe kandi burashe. Karashimisha abantu bo mu madini yose no mu mico kama yose. Karoroshe gushikiriza; mbere n’abamamaji bakiri bato canke bashasha barashobora kugashikiriza. Woba ugakoresha igihe cose habonetse akaryo keza?