Turafise Igikoresho Gishasha co Gutanguza Inyigisho!
1 Umukenyezi umwe wo mu Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari Umugatorika ashirutse umwete mu vyo gusenga. Yaraburanira inyigisho z’ishengero atadohoka. Mbere yaranafashe urugendo aja i Vatikano mu vy’ugusenga. Yamara ntiwumve, igihe Icabona ca Yehova yadodora iwe, yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Kubera iki? Kubera ko yashaka kwiga ivyo Bibiliya ivuga kandi aho yasenga bakaba batagirira abantu inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Ico kintu cabaye kitwigisha iki? Kitwigisha yuko tutigera tumenya uwuzokwemera inyigisho ya Bibiliya igirwa ku buntu.—Umus. 11:6.
2 Woba umaze kugonanwa kubwira abantu yuko twipfuza kwigana Bibiliya n’umuntu wese ashimishwa? Mbega mu kibano canyu bose barazi yuko dutanga iyo mfashanyo ku buntu? Twoshobora gute kumenya neza yuko ivyo babizi? Ni mu gukoresha igikoresho gishasha! Ni agapapuro k’inkuru nziza gakwegera kagizwe n’impapuro zitandatu kakaba gafise umutwe uvuga ngo: Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? Nimuze twimenyereze ako gapapuro k’inkuru nziza, agatwe gatoyi ku kandi.
3 “Ni Kuki Wosoma Bibiliya?” Impamvu ako gapapuro gatanga zirashimishije cane. Gasigura yuko Bibiliya irimwo “inyigisho iranga urukundo iva ku Mana,” itwereka ingene twoyiyegereza mw’isengesho kugira ngo idufashe be n’ingene tworonka ingabire yayo y’ubuzima budahera. (1 Tes. 2:13) Ako gapapuro karavuga yuko Bibiliya irimwo “ukuri gutanga umuco” ku bintu bitandukanye, nk’ukuntu bitugendera iyo dupfuye n’igituma hari imidugararo myinshi kw’isi. Karasigura yuko igihe umuntu ashize mu ngiro “ingingo ngenderwako zatanzwe n’Imana muri Bibiliya” bizana ivyiza mu vy’umubiri kandi bigatuma agira ubuhirwe, akagira icizigiro be n’izindi kamere zishimwa. Ako gapapuro karerekana iyindi mvo imwe ituma umuntu yosoma Bibiliya—ni ubuhanuzi bwerekeye kazoza bwerekana ivyo twiteze ubu bwa vuba.—Ivyah. 21:3, 4.
4 “Imfashanyo mu vyo Gutahura Bibiliya”: Ako gapapuro kavuga kati: “Twese ata n’umwe avuyemwo turakeneye gufashwa mu vyo gutahura Ijambo ry’Imana.” Maze karasigura uburyo dukoresha mu kwiga Bibiliya kati: “Mu bisanzwe ni vyiza kwiga Bibiliya bukebuke, ugatangurira ku nyigisho z’ishimikiro.” Mu gihe kerekana mu buryo butomoye kati “Bibiliya ni yo twisunga,” ako gapapuro karatomora yuko agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kazofasha umwigishwa “gutahura Ivyanditswe vyishura ibibazo bitandukanye.” Agatwe gatoyi ka nyuma karavyura ikibazo kijijura.
5 “None Woshima Kumara Akanya ku Ndwi ku Ndwi Kugira ngo Utahure Bibiliya?” Ako gapapuro karasigura yuko inyigisho ya Bibiliya ishobora gutunganywa ku mwanya no mu kibanza bishobokera umwigishwa, haba ku muhana wiwe canke mbere no kuri terefone. Ni bande bashobora kuba bahari muri ico kiyago? Ako gapapuro kishura kati: “Abo mu rugo rwawe bose. Abagenzi abo ari bo bose woshima gutumira na bo nyene bashobora kuba ari ho bari. Canke na ho, ico kiyago gishobora kugiranwa na wewe gusa nimba ari vyo woshima.” Icigwa kimwe kimara umwanya ungana iki? Kishura kati: “Benshi usanga baziganya umwanya w’isaha ku ndwi ku ndwi kugira ngo bige Bibiliya. Nimba ushobora kumara umwanya uruta uwo, canke na ho ukaba ushobora gusa kuronka uwuri musi y’uwo ku ndwi, Ivyabona bazorondera umwanya baze kugufasha.” Ico ni co ciyumviro nyamukuru! Turi n’umutima ukunze wo kugira ivyo duhinduye dukurikije uko ivy’umwigishwa wese vyifashe.
6 “Ubutumire bw’Ukwiga”: Agace kandikwamwo aderese karashizweho kugira ngo nyene kuronka ako gapapuro k’inkuru nziza ashobora gusaba agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke kugenderwa kugira ngo asigurirwe porogarama yacu y’inyigisho ya Bibiliya igirirwa ku muhana ku buntu. Igipfukisho c’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kirerekanwa mu mabara y’indobeke. Ntubona none igituma ako gapapuro k’inkuru nziza kazoremesha abantu benshi b’imitima nziraburyarya kwemera ko tubafasha? None ubu, twokoresha neza gute ico gikoresho gishasha?
7 Ni Bande Ushobora Gushikiriza Ako Gapapuro? Ako gapapuro gashobora gushikirizwa umuntu amaso mu yandi canke ukagasigira abo utasanze ku mihana. Karashobora gutangwa umuntu ava ku nzu aja ku yindi, kw’ibarabara be no mu vyibare bikorerwamwo ubucuruzi. Nugashikirize abantu baba abakira ibisohokayandikiro vyacu canke abavyanka. Nugashire mu binyamakuru canke mu bindi bisohokayandikiro bishikirizwa. Nugasobeke mw’ibahasha igihe wandika amakete. Nusabe abo muganira kuri terefone ko wokabarungikira. Niwame ufise utwo dupapuro kugira ngo udushikirize igihe uri mu mangazini, igihe uri mu muduga wunguruza abantu be n’igihe ushinga intahe akaryo kizanye. Nugashikirize umuntu wese aje i wawe. Nugashikirize incuti zawe, ababanyi, abo mukorana, abo mwigana hamwe n’abandi muzinanye. Nukore uko ushoboye kugira ngo ugahe umuntu wese muhuye! Mu nyuma wogira iki?
8 Iyo Umuntu Aciye Akakira Neza: Abantu bamwebamwe bazoca bakakira neza mu kuvuga yuko bokwipfuza kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Ku bw’ico, igihe cose ugiye mu gikorwa c’umurimo wo mu ndimiro, nurabe neza ko wama ufise amakopi abiri y’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ni ukuvuga kamwe k’umwigishwa akandi k’iwawe. Nimba uwo muntu abishimye, nuce utangura inyigisho ubwo nyene. Nuzingurure igipfukisho, hanyuma usome ahavuga ngo: “Uburyo bwo Gukoresha Aka Gatabu.” Maze nuce uja ku cigwa ca 1, hanyuma umwereke ingene mugira inyigisho. None ivyo ntivyoroshe?
9 Nimba Uwukwumviriza Akeneye Umwanya wo Kuvyiyumvira: Ata gihe kinini kirahaca, nukore uko ushoboye kugira ngo usubire kubonana na we. Igihe ugiye, nurabe neza ko watwaye agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Numwereke ibirimwo imbere ku gipfukisho. Nureke yerekane ikibazo abona ko kimushimishije kuruta ibindi. Nuzingurure, maze mutangure kuganira icigwa yatoye.
10 Ugukurikirana Abo Wasigiye Ikinyamakuru: Nimba wamusigiye agapapuro k’inkuru nziza biri kumwe n’ikinyamakuru, wogaruka uvuga uti: “Aho mperukira ku kugendera, naranezerejwe no kugusigira ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Kumbure warabonye yuko umutwe wose w’ico kinyamakuru ari Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova. Uyu musi nipfuza kugusigurira ico ari co ubwo Bwami n’ico busigura kuri wewe n’umuryango wawe.” Maze nuzingurure agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa ca 6. Mu gutangura n’ingingo ya mbere, nimusome mwongere muganire ukurikije uko umwanya uwo munyamuhana afise ungana. Nuce uringaniza kuzosubira kumugendera uwundi musi kugira ngo muheze icigwa.
11 Ntubure Utwo Dupapuro tw’Inkuru Nziza: Umucungezi w’umurimo hamwe n’abavukanyi bajejwe ibisohokayandikiro bakwiye kuzoguma bafise mw’ishengero igitigiri gikwiye c’ako gapapuro k’inkuru nziza Kumenya Bibiliya ibihe vyose. Niwame ufise nka tungahe mu mupfuko canke mu gasakoshi ko mu minwe, mu muduga wawe, aho ukorera, kw’ishure, iruhande y’urwinjiriro rw’inzu yawe, eka ahantu hose bizokworohera kuduhamvya. Ni ivyumvikana ko ukwiye gushira tumwe mw’isaho ukoresha mu gushinga intahe kugira utwikoreko igihe uhuye n’umuntu mushobora kuganira ku vyerekeye Bibiliya.
12 Ese Yehova Yohezagira Utwigoro Tugira: Icipfuzo ciza Abakirisu bose bafise ni ukwigisha ukuri uwundi muntu. (Mat. 28:19, 20) Woba uriko urarongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana muri iki gihe? Nimba uyirongora, woba ushobora kuronka akanya ko kurongora iyindi mu rutonde rwawe rwo ku ndwi ku ndwi? Nimba ata nyigisho urongora ubu, nta nkeka woshima kuyirongora. Nusabe Yehova ahezagire utwigoro ugira kugira ngo uronke umuntu mushobora kwigana. Hanyuma, ukore mu buryo buhuje n’ivyo usaba.—1 Yoh. 5:14, 15.
13 Emwe, turafise igikoresho gishasha c’ugutanguza inyigisho! Ako gapapuro nukimenyereze. Nugatangane umwidegemvyo. Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ‘ukore ivyiza, ube umutunzi mu bikorwa vyiza, ube umunyabuntu, witeguriye gushikiriza’ ivyo wize mw’Ijambo ry’Imana.—1 Tim. 6:18.
[Box on page 4]
UTURYO TWO GUTANGA AKO GAPAPURO K’INKURU NZIZA
◼ Mu biganiro tugira ku musi ku musi
◼ Igihe umuntu yakiriye igisohokayandikiro cacu
◼ Igihe ata muntu dusanze ku muhana
◼ Igihe dusubiye kugendera abo twaganiriye
◼ Igihe duhuye n’umuntu mw’ibarabara turiko turashinga intahe
◼ Igihe dushinga intahe mu cibare c’ubucuruzi
◼ Igihe dushinga intahe akaryo kizanye
◼ Igihe twandika amakete
◼ Igihe turi mu muduga wunguruza abantu
◼ Igihe umuntu atugendeye i muhira
◼ Igihe tuganira n’incuti, ababanyi, abo dukorana, abo twigana hamwe n’abandi tuzinanye