ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/10 rup. 2
  • Niwame witeguriye gutanguza inyigisho ya Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwame witeguriye gutanguza inyigisho ya Bibiliya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Turafise Igikoresho Gishasha co Gutanguza Inyigisho!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Nugakoreshe igihe cose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Nugume wituniye ku guhindura abantu abigishwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Gusubira kugendera abantu bishikana ku nyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 6/10 rup. 2

Niwame witeguriye gutanguza inyigisho ya Bibiliya

1. Igikorwa Yezu yadushinze kivugwa muri Matayo 28:19, 20 kidusaba iki?

1 Yezu yaradushinze igikorwa co ‘guhindura abantu abigishwa, tubigisha.’ (Mat. 28:19, 20) Ku bw’ivyo, turipfuza kwama twiteguriye gutanguza inyigisho ya Bibiliya igihe cose, atari gusa kuri wa musi umwe wo ku mpera y’umushamvu wahariwe ugutanguza inyigisho za Bibiliya. Inama zikurikira tugirwa zoshobora kudufasha.

2. Ni bande twosaba ngo twigane Bibiliya?

2 Nubasabe mwigane Bibiliya: Uko turushiriza gusaba abantu ngo twigane Bibiliya, ni ko tugwiza uturyo two kuronka inyigisho ya Bibiliya. (Umus. 11:6) Woba umaze gusaba umuntu ari ho mukibonana, ngo mwigane Bibiliya? Ishengero rimwe ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryarihatiye gukora ico kintu mu kiringo c’ukwezi kwose. Ntiworaba umunezero bagize wo gutanguza inyigisho 42 nshasha za Bibiliya! Ntiwibwire yuko abashimishijwe ugendera baba bazi yuko wigisha abantu Bibiliya. Niwabagendera ubutaha, ubona gute ubasavye ngo mwigane Bibiliya? Niba batagukundiye, nta ngorane. Urashobora kubandanya gutsimbataza ukwo gushimishwa bafise. Woba umaze kubaza ababanyi bawe, incuti zawe, abo mukorana canke abo mwigana nimba boshima ko mwigana Bibiliya? Urashobora kandi kubaza abo musanzwe mwigana Bibiliya niba boba bafise incuti canke abagenzi bohimbarwa no kwiga Bibiliya.

3. Ni igikoresho c’ingirakamaro ikihe dufise kidufasha gutanguza inyigisho, kandi ni ryari twoshobora kugikoresha?

3 Igikoresho c’ingirakamaro: Ka gapapuro kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? ni igikoresho kirumara kidufasha gutanguza inyigisho za Bibiliya. Woshobora kugaha abo ubwira inkuru nziza, baba bakira canke batakira ibindi bitabu vyacu. Twoshobora kugakoresha igihe twamamaza mu cibare gikorerwamwo ivy’ubudandaji, igihe dukorera mu mabarabara, igihe twandika amakete be n’igihe dusubira kugendera abantu. Twoshobora no kugasiga ku mihana tuba twasanze atari ho bari. Ubona gute ukitwaje igihe wipakije, igihe uriko uragura utuntu canke uri ku kazi? Urupapuro rwa nyuma rw’ako gapapuro rurasigura muri make intunganyo yacu y’inyigisho ya Bibiliya, rukanavuga ibijanye n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.

4. Twokoresha gute ka gapapuro Woba ushaka kumenya ukuri? kugira ngo dutanguze inyigisho?

4 Umaze gushikiriza umuntu ako gapapuro, woshobora guca umwereka vya bibazo bitandatu biri ku rupapuro rwako rwa mbere, ugaca umubaza uti: “Ni ikihe muri ibi bibazo kigushimisha kuruta ibindi?” Nimuce rero murabira hamwe inyishu ako gapapuro gatanga, hanyuma usome canke uvuge mu majambo yawe ibiri ku rupapuro rwa nyuma, na vyo bikaba bisigura intunganyo yacu y’inyigisho ya Bibiliya. Woshobora guca umwereka mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha aho yosanga ayandi makuru ajanye n’ico kibazo, ugaheza ukakimushikiriza maze mugahana isango ry’aho uzogarukira kugira ngo mushishikare ico kiganiro.

5. Ni kubera iki dukwiye kwama twiteguriye gutanguza inyigisho ya Bibiliya?

5 Icibare cacu kiracarimwo abantu banyotewe kumenya ico vy’ukuri Bibiliya yigisha. Nitwama twiteguriye gutanguza inyigisho ya Bibiliya, tuzoronka uturyo twiyongereye two kwironkera umunezero wo gufasha abandi kuja muri ya nzira ijana mu buzima.—Mat. 7:13, 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika